15 Ibikorwa vy’igipfu cose birakiruhisha, kuko kitazi n’ inzira ija i bgami.
Umugororotsi arikw araherengetera, kandi nta wubishirak’ umutima; abubaha Imana bariko barakūrwaho, kandi nta wubibabaye. Umugororotsi akūwe mu vyago,
Mbere kandi, igipfu iyo kigenda mu nzira, ubgenge bgaco burazimira, kikabarira umuntu wese, ng’ Ur’ igipfu!
Abarōngōra mu nzira igororotse, Kugira ngo bashike mu gisagara co kugerēramwo.
Bāyerereye mu bugaragwa, mu nzira ica mu karēre, Ntibābona igisagara co kubamwo.
Mbeg’ abo bose ntibazobīvuga, bakabacakw akagani bakīkiriza, bati Bazobona ibara, abakuma ibitar’ ivyabo, bagatako bakīremēka amasahu! Mbega bazogeza ryari?
N’iki gituma mutanga amahera kugura ibitar’ ivyo kurya nyakuri? N’iki gituma mukorera ibidahāza? Mugire umwete wo kunyumvira, ni ho muzorya ivyiza, ubugingo bganyu bunezererwe ibishashagira.
Incabiti iy’ ipfushe, umuntu ntayikarishe, azoba akwiye kwongerakw inkomezi zo gushimika; arik’ ubgenge bugira ikimazi mu kurōngōra umuntu.
Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?
Uzobona ibara, wa gihugu, umwami wawe iy’ ar’ umwana, abaganwa bawe bakazindukira kurya.