Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 10:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 10:14
13 Referans Kwoze  

Ururimi rw’abanyabgenge rutonyanga ubgenge bubereye, Arikw akanwa k’ibipfu gasuka ubupfu.


kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?


None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?


Kukw inzozi ziterwa n’ibikorwa vyinshi, kand’ ijwi ry’igipfu rimenyekanira ku magambo menshi.


Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ ugucumura, Arik’ uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.


Ni co catumye Yobu ateranurira akanwa kuvuga amagambo y’ubuhuhuta, Agasegenyura amagambo ata co azi.


Kukw agereka ubugarariji ku caha ciwe, Agakubita amashi ku yandi hagati muri twebge, Agasegenyura amagambo yo kurwanya Imana.


Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.


Ivyo vyose nabishizek’ umutima, kugira ngo mbisese vyose; kandi nabonye yukw abagororotsi n’abanyabgenge bari mu kuboko kw’Imana, bo n’ibikorwa vyabo, n’urukundo n’urwanko; abantu buntu nta co bazi; vyose bir’ imbere yabo.


Ibikorwa vy’igipfu cose birakiruhisha, kuko kitazi n’ inzira ija i bgami.


Kandi mwanyihayagijeko n’akanwa kanyu, mumpundakw amagambo yanyu: na vyo nyene naravyumvise.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite