12 Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.
Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.
Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe, bati Mbeg’ uyu si we mwene Yosefu?
Ūkunda umutima utanduye, Akagira ubuntu mu minwa yiwe, azoba umutoni w’ umwami.
Ururimi rw’abanyabgenge rutonyanga ubgenge bubereye, Arikw akanwa k’ibipfu gasuka ubupfu.
Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana.
Aramubgira, ati Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’ uzi yuko nd’ umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntāhateretse, nimbura ivyo ntārimye:
Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiwe ryiza; umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ryiwe ribi.
Iy’ ateranuye akanwa avuga ivy’ ubgenge, Icagezwe c’ineza kiri ku rurimi rwiwe.
Nk’ukw ihwa rihanda mu kiganza c’imborerwa, Ni k’umugani umera mu kanwa k’ibipfu.
Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa, Kand’ ūvuga ivy’ ubuhūmvyi ntazokira.
Umuntu anezererwa ukwishura kw’akanwa kiwe, Kand’ ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe kuntu ari ryiza!
Har’ ūvuga ibisunitswe n’ impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, Arik’ ururimi rw’abanyabgenge ruravūra.
Ūvuniranira akagohe atera umubabaro, Kand’ ūfise iminwa y’ubuhumbu aratemba.
Ūfise umutima w’ubgenge yemera kubgirizwa, Arik’ ūfise iminwa y’ubuhumbu aratemba.
Ukugira nabi kwo mu kanwa kw’abantaye hagati Ni kubasubire ku mitwe, kubatwikire.
Uko ni ko bazotsitazwa, urwabo rurimi bgite ruzobarwanya: Abababona bose bazozunguza imitwe.
Akanwa k’umugororotsi kavuga ivy’ ubgenge, N’ururimi rwiwe ruvuga ibiroranye.
Nanje nobaremeshesha akanwa kanje, Kwirura kwo gupfa kubomboranya iminwa yanje kwoborohereza.
Dawidi aramubarira, at’ Amaraso yawe abe ari wewe aja ku mutwe, kukw akanwa kawe ari ko kakubereye icagirizi, nk’uko wivugiye ko wishe uwo Uhoraho yimikishije amavuta.
Igipfu kizinga amaboko, kikīrya inyama.
Amajambo y’abanyabgenge avuzwe buhoro yumvirizwa kurusha gusemerera kw’umuntu w’iremezo ry’ibipfu.
Amajambo y’abanyabgenge ni nk’imihunda, kand’ amajambo atororokanijwe ni nk’imambo zishimangiwe, umwungere umwe ari we yayatanze.
Akanwa kawe ntikagire ico gatuntumukana, kand’ umutima wawe woye gushushudikanya kw ijambo na rimwe imbere y’Imana; kukw Imana iri mw ijuru, nawe ukaba kw isi: nuko rer’ amajambo yawe abe make.
Ntukundire akanwa kawe gucumuza umubiri wawe; kandi ntuz’ uvugire imbere y’umumarayika yuko kwabaye ugucorokwa: non’ Imana irinde kurakishwa n’ijwi ryawe ku ki, no gusangangura igikorwa c’amaboko yawe?