10 Incabiti iy’ ipfushe, umuntu ntayikarishe, azoba akwiye kwongerakw inkomezi zo gushimika; arik’ ubgenge bugira ikimazi mu kurōngōra umuntu.
Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.
Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza.
Ibikorwa vy’igipfu cose birakiruhisha, kuko kitazi n’ inzira ija i bgami.
Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.
None rero, jewe umusavyi wawe, n’umpe umutima w’ubgenge, nshobore gucira abantu bawe imanza, mmenye gutandukanya ikibi n’iciza. None ni nde yoshobora gucira imanza iri hanga ryawe rihambaye?
Igitumye mbabgira ivyo, n’uko kwumvira Imana kwanyu kwamamaye mu bantu bose: ni co gitumye mbanezererwa, ariko ndagomba ko muba abanyabgenge ku vyiza, mukaba abatungu ku bibi.
Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.
Abo mu Bisakari bazi ubgenge bgo kumenya ibihe, bakamenya n’ivyo Abisirayeli bakwiye gukora, bār’ abakuru amajana abiri, bāzananye n’ abandi b’i wabo bāgaba.
Yukw igihe nzokarisha inkota yanje irabagirana nk’ umuravyo, Ukuboko kwanje kugafata amatēka, Nzokwihōra abarwanizi banje, Nsubirize mu nkōko abanyanka.
Kandi mbona yuko mu bgenge har’ inyungu kuruta mu bupfu, nk’uko mu muco har’ inyungu kuruta mu mwiza.
Uwimba amabuye azomukomeretsa, kand’ ūsatura ibiti bimushira mw irinde.
Inzoka iy’ ikomoye itaragotwa, uwari kuyigota nta co aba akimaze.
Ubgenge buruta ibirwanishwa vy’intambara, arik’ umunyavyaha umwe adabanganya ivyiza vyinshi.