Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Icāhozeho ni co kizobaho, kand’ icākozwe ni co kizokorwa: kandi nta kintu gisha kiriho musi y’izuba.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 1:9
10 Referans Kwoze  

Ikiriho ni co cāhozeho, kand’ ikizobaho na co cāhozeho: kand’ Imana isubira kugarukana icamaze guhita.


Icabayeho cose, izina ryaco caryiswe kera; birazwi umuntu ic’ ari co, kandi yukw adashobora kurwanya Iyimurusha ubushobozi.


Maze ndahindukira ngo nitegereze ubgenge n’ubujuju n’ubupfu: non’ umuntu azosubira ku ngoma akurikiye umwami azogenza ate? Azokora icari carakozwe nyene.


Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho.


Ntukavuge, uti Ni ku ki imisi ya kera iruta iy’ ubu? Kuko mur’ ivyo utaba ubajije ivy’ ubgenge.


Uzogeza ryari kwāngāra irya n’ino, ewe mukobga wasubiye inyuma? Kuk’ Uhoraho yaremye ikintu gisha mw isi, k’umugore azozigama umugabo.


Ariko hār’ abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bg’Abisirayeli, nk’uko no muri mwebge hazobah’ abigisha b’ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitera guhona: bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bīhamagarire uguhona gutebutse.


Ehe ngira nkore ikintu gisha: ko kigira giseruke ubu, mbega ntimuzokimenya? Nzoca inzira no mu bugaragwa, ntembeshe inzūzi ahagadutse.


Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri.


Mbega har’ ikintu abantu bavuga, bat’ Ehe rāba, iki ni gisha? Erega kiba carabayeho kera, mu bihe tutaribgabeho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite