Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ibintu vyose vyuzuye uburuhe; n’ubg’ umuntu atovuga: ijisho ntirihāga kurāba, n’ugutwi ntiguhāga kwumva.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 1:8
16 Referans Kwoze  

I kuzimu n’amahonero nta ho bihāga, N’amaso y’abantu nta ho ahāga.


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.


Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.


Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.


Umutima wanje uzohāzwa nk’ūriye umusokōro n’ibinure: Akanwa kanje kazogushimisha iminwa inezerewe,


Inzūzi zose zitembera mu kiyaga, yamar’ ikiyaga nticuzura; ahantu inzūzi zija ni ho zama zishishikara.


Mwaziga vyinshi, mugize murtya musanga ni bike; kandi n’iyo mubizanye i muhira ndabitūvya. Biva ku ki? ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo abajije. Biva ku ngoro yanje irekewe ngaho igihomvaguritse, namwe mweho umuntu wese agakobereza inzu yiwe ubgiwe.


Ubutame bgose bg’umuntu buterwa n’inda yiwe, yamara ntashira umuryarya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite