Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Umuyaga ushira i bumanuko, ugahindura ushira i burārūko; uhindagura akanya kose mu rugendo rwawo, maz’ ugasubira mu gushira irya n’ino kwawo.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 1:6
11 Referans Kwoze  

Umuyaga uhuhuta ah’ ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye ah’ uva, n’ah’ uja; uko ni kw amera, ūvyawe na Mpwemu wese.


Nk’uk’ utazi inzira y’umuyaga iy’ ari yo, kandi nk’uk’ utazi ingen’ amagufa akurira mu nda y’ūtwaye inda, uko ni k’utazi igikorwa c’ Imana Rugira vyose.


Inkūbi y’umuyaga ayihindura agahwekere, Bituma imipfunda yaho itekereza.


Kukw avuga ijambo, akavyura inkūbi y’umuyaga, Ishira hejuru imipfunda yaho.


Cank’ imyambaro yawe igituma isusuruka, Igihe isi icereje kubg’ umuyaga uva i bumanuko?


Mu birēre vy’i bumanuko hava ikirura, N’imbeho ikava i burārūko.


Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, irasenyuka, kand’ isenyerana ryayo riba irikomeye.


Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare.


Maz’ Uhoraho asuka umuyaga ukomeye mu kiyaga; haba igihuhuta c’inkomezi mu kiyaga, ubgato bushaka kumeneka.


Inzūzi zose zitembera mu kiyaga, yamar’ ikiyaga nticuzura; ahantu inzūzi zija ni ho zama zishishikara.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite