18 Kuko mu bgenge bginshi harimw’ intuntu nyinshi, kand’ ūgwiza ukumenya aba agwije umubabaro.
Maz’ ibgira abantu, Iti Rāba kwubaha Uhoraho ni bgo bgenge, Kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.
Ntube umugororotsi arengeje urugero, kandi ntiwīgire umunyabgenge burengeranye: n’iki cotuma wikwegera kuranduka?
Kukw imisi yiwe yose ar’ imibabaro, kand’ umuruho wiwe ar’ intuntu; mbere no mw ijoro na ho umutima wiwe nturonka akaruhuko. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.
Maze ndibaza mu mutima wanje, nt’ Iherezo ry’igipfu ni ryo rizoba iherezo ryanje; none se, kumurusha ubgenge vyammariye iki? Maze ndavuga mu mutima wanje, yuko na vyo ar’ ubusa.