Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 1:13
22 Referans Kwoze  

Nitegereje umuruho Imana yahaye abana b’ abantu ng’ ubaruhishe.


kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo.


Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.


Ivyo ubishirek’ umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.


Ibisigaye, mwana wanje, uhanurwe: kwandika ibitabo vyinshi ntikugira iherezo; kand’ ukwiga cane kuruhisha umubiri.


Maze nshira umutima wanje ku kumenya no gusesa no guserangura ubgenge n’ inyanduruko z’ibintu, no kumenya kw icaha ar’ ubupfu, kandi k’ubupfu ar’ ibisazi.


Ivyo vyose naravyiboneye, nashize umutima ku gikorwa cose gikorerwa musi y’izuba: har’ igihe umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.


Kukw imisi yiwe yose ar’ imibabaro, kand’ umuruho wiwe ar’ intuntu; mbere no mw ijoro na ho umutima wiwe nturonka akaruhuko. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.


Mwana wanje, mpa umutima wawe, Kand’ amaso yawe ahimbarwe n’inzira zanje.


Umutima w’umukerebutsi uronka ubgenge, N’ugutwi kw’abanyabgenge na kwo ni co kurondera.


Uwigungira ukwiwe aba arondera ivyo yiharije gusa, Kand’ arwanya inama nziza zose.


Ikir’ imbere ya vyose n’ubgenge: nuko wironkere ubgenge; Mber’ ivy’ ufise vyose ubihebere ugutahura.


Ibikorwa vy’Uhoraho birahambaye, Biseswa n’abo bihimbara bose.


Abantu badōbēra mu mwiza bakawurangiza, Bagashika kw iherezo ry’ urubibe rwawo Basesangura amabuye yo mu mwiza w’umuzitanya no mu gitūtu c’urupfu.


Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’ umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Nk’uk’ utazi inzira y’umuyaga iy’ ari yo, kandi nk’uk’ utazi ingen’ amagufa akurira mu nda y’ūtwaye inda, uko ni k’utazi igikorwa c’ Imana Rugira vyose.


Imana guhisha ikintu, n’ icubahiro cayo, Arikw abami bo, guserangura ikintu, ni co cubahiro cabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite