10 Mbega har’ ikintu abantu bavuga, bat’ Ehe rāba, iki ni gisha? Erega kiba carabayeho kera, mu bihe tutaribgabeho.
Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.
Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.
Nk’uko Yane na Yambure bārwanije Mose, ni ko n’abo bagabo barwanya ukuri, abo n’abononekaye ubgenge, babaye ibihombe ku kwizera.
Icāhozeho ni co kizobaho, kand’ icākozwe ni co kizokorwa: kandi nta kintu gisha kiriho musi y’izuba.
Ivy’ ibihe vyahise ntibicibukwa, kand’ ivy’ ibihe bizoza ntibizoba bicibukwa n’abazobikurikira.
Maze ndahindukira ngo nitegereze ubgenge n’ubujuju n’ubupfu: non’ umuntu azosubira ku ngoma akurikiye umwami azogenza ate? Azokora icari carakozwe nyene.
Icabayeho cose, izina ryaco caryiswe kera; birazwi umuntu ic’ ari co, kandi yukw adashobora kurwanya Iyimurusha ubushobozi.