1 Amajambo y’Umusiguzi, ni we mwene Dawidi, umwami aba i Yerusalemu.
Jewe Umusiguzi nar’ umwami w’Abisirayeli i Yerusalemu.
Ehe ngiki ico nabonye, ni k’Umusiguzi agize, mmaze kugereranya kimwe n’ikindi ngo mmenye inyanduruko zavyo;
kandi kw itāgiriye ikigongwe isi ya kera, arikw igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw isi y’abatayubaha;
Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;
Namamaje ubutumwa bgiza bg’ukugororoka mw ishengero ryinshi: Sinzobuza iminwa yanje, Uhoraho, urabizi.
Bitayeko ngo Washizeho ba kamenyi bo kukwāmāmaza i Yerusalemu, ngo Mu Bayuda har’ umwami. Izo nkuru ntibobura kuzibgira umwami: none rero n’ uze tubivugane.
Salomo yamaze imyaka mirongwine ari ku ngoma aganza Abisirayeli bose ar’ i Yerusalemu.
riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira.
Imigani ya Salomo mwene Dawidi, umwami w’Abisirayeli,
Aragahabga ibiva mu maboko yiwe, Kand’ ibikorwa vyiwe ni bimushire hejuru aho bakoraniye mw ikombe ry’ igisagara.