Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko, impāri z’ubupfu no kuzirora ivy’ akaronda n’imitongano no guhārīra ivyo mu vyagezwe, wame ubizibukīra, kuko bitagira ikimazi kand’ ar’ ivy’ ubusa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko wirinde impari z’ubupfu, ivy’urukurikirane rwa ba sekuruza, ibihari n’imishwano bifatiye ku vyagezwe n’amabwirizwa, kuko nta co bimaze kandi nta co bifasha uwuvyumva.

Gade chapit la Kopi




Tito 3:9
10 Referans Kwoze  

Wame ubibutsa ivyo, ubihanikiririza mu nyonga z’Imana ntibarwanire amajambo kuko bitagira ikimazi, bigwisha abumva.


Arikw ibihāri vy’ubupfu n’ivy’ ubutungu ntukavyemere, uzi yuko bivyara intonganya.


Arikw imigani ihumanya n’iy’ abakecuru ntuyemere. Wimenyereze kwubaha Imana;


Ariko, ibihumanya vy’amagambo y’ubusa ubizibukīre, kukw ababivuga bazoshishikara inzira yo kutubaha Imana,


ntibashire imitima ku migani y’ibinyoma y’Abayuda no ku vyagezwe vy’abantu batera ibitugu ukuri.


Mbega yobūranisha amagambo atagira ikimazi, Canke yovuga ibitagira ico bivūra?


Ku vy’ ivyaterekerejwe ibishushanyo vy’ibigirwamana, turazi yuko twese turi n’ubgenge. Ubgenge burakakīsha, arik’ urukundo rurubaka.


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite