Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Iryo jambo n’iryo kwizerwa, ndagomba yuk’ utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngw abizeye Imana bagire umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.

Gade chapit la Kopi




Tito 3:8
26 Referans Kwoze  

Kand’ abacu na bo ni bige kugumya gukora ibikorwa vyiza ngo babone kumara ubukene ababikwiye rwose, kugira ngw abacu ntibabe ibirumbirane.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


agumya ijambo ryo kwizerwa rihūra n’ukwigisha kwacu, kugira ngw abone guhanūra abantu mu kwigisha kuzima no gutsinda abamuhāririza.


Ubibutse kugamburukira abakuru n’abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose,


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.


Arik’ ūdakora, akizera Ītsindanishiriza abatāyubashe, ukwizera kwiwe guharūrwa nk’ukugororoka:


Yesu arasemerera, at’ Ūnyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye:


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo.


ati Mbeg’ umuntu yoshobora kugirira Imana ikimazi? Ushime n’umunyabgenge nta wundi yokigirira shiti kucīgirira ubgiwe.


atākugirira ikimazi kera, ariko noneh’ atugirira ikimazi twempi.


Kuko batizeye Imana, Ntibizigire agakiza kayo.


Icabona c’ibinyoma kizoranduka, Arik’ umuntu yumva neza azovuga ata kimutēsha.


Ariko ko dufise uwo mutima wizera, uboneka mu vyanditswe, ngo Nizeye, ni co catumye mvuga; natwe nyene turizera, ni co gituma tuvuga.


Baramwishura, bat’ Urasara. Na we avuga ashimitse kw ar’ivy’ ukuri. Bati N’umumarayika wiwe.


Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.


Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.


handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


nawe ubgawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo,


kandi twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ ibikorwa vyiza,


Na bo arababgira, ati Namwe ni mugende mu ruzabibu, ndabagerera ivyo mukwiranye. Baragenda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite