Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 kugira ngo dutsindanishirizwe n’ubuntu bgayo, duce tuba abaragwa b’ubugingo budashira, nk’ukw ivyizigiro vyacu biri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 kugira ngo tumaze kwemerwa nk’abagororotsi ku bw’ubuntu bwayo, tube abaragwa bafise ivyizigiro vy’ubugingo butazoshira.

Gade chapit la Kopi




Tito 3:7
25 Referans Kwoze  

Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.


batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu:


Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza,


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Ariko tuzi yuk’ umuntu adatsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe, arikw atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atar’ ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe; kukw ata muntu atsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe.


Ariko ni vyaba bivuye ku buntu, ntibikiva ku bikorwa: namb’ atari ko biri, ubuntu si bgo buntu.


Ko mur’ aba Kristo, mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, mur’ abaragwa nk’uko vyasezeranywe.


Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera, ngo bibe ivy’ ubuntu; kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose, ivyasezeranywe bize vyame bihamye, atar’ ab’ ivyagezwe gusa, ariko n’ab’ ukwizera kwa Aburahamu, ni we sogokuruza wa twese,


Ni co gituma twiyumvira yuk’ umuntu atsindanishirizwa n’ukwizera, ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe bitarinze kwiyumvirwa.


Namwe bagabo n’uko, mubane n’abagore banyu nk’abazi ibibereye, kukw ari nk’imbombovu zidahwanije namwe inkomezi: kandi mubahe icubahiro, kuko na bo ar’ abaraganwa namwe ubuntu bg’ubugingo, kugira ng’ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha.


Ukwizera ni kwo kwatumye aba inyambukīra mu gihugu yasezeraniwe, nk’ikitar’ iciwe, akabana mu mahema na Isaka na Yakobo, abāraganywe na we ivyo vyasezeranywe.


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe, kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa n’ukwizera.


Ni co catumye Imana, kukw igomba kurushiriza kwereka abaragwa b’ivyasezeranywe ingen’ imigabo yayo idahinduka, ishira hagati indahiro kuba umuhūza;


Ni co gituma utakir’ umugurano, arik’ ur’ umwana wayo; kandi k’ur’ umwana wayo, ur’ umuragwa, ubihawe n’Imana.


Yamar’ ūkora, ingero yiwe ntiharūrwa nk’ubuntu, arikw iharūrwa nk’inyishu.


twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Agisohoka ngw akomeze urugendo, haza umuntu kuri we yirukanga, aramupfukamira, aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite