Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 yaradukijije, atari uko twakoze ibigororotse, ariko kubera imbabazi zayo. Yadukijije mu kutwoza ivyaha vyacu biciye mu kuvuka ubwa kabiri, no mu buzima bushasha muri Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi




Tito 3:5
46 Referans Kwoze  

yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.


Arikw Imana, kukw ar’ umutunzi w’ikigongwe, kubg’ urukundo rwayo rwinshi yadukunze,


ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo,


Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye.


Ariko ni vyaba bivuye ku buntu, ntibikiva ku bikorwa: namb’ atari ko biri, ubuntu si bgo buntu.


Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.


mukambara umuntu musha, ahindurwa musha ngw agire ubgenge, amere nk’ishusho y’Iyamuremye:


Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.


Ariko tuzi yuk’ umuntu adatsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe, arikw atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atar’ ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe; kukw ata muntu atsindanishirizwa n’ibikorwa bishinzwe n’ivyagezwe.


kukw imbere yayo ata muntu azotsindanishirizwa n’ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe, kukw ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha.


kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.


mugahinduka basha mu mpwemu y’ubgenge bganyu,


Ni co gituma twiyumvira yuk’ umuntu atsindanishirizwa n’ukwizera, ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe bitarinze kwiyumvirwa.


kand’ abana bataravuka, batarakora iciza cank’ ikibi, ngw ivy’ Imana yagabiye itoranya bibeho, bitavuye ku vy’abantu bakora, ariko vyavuye kw Ībahamagara,


Kubg’ umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru,


Yatabaye Isirayeli umusavyi wayo, Maze ngw imbabazi zayo izibuke,


Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza‐kuruza babo:


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Kandi ntushire umusavyi wawe mu rukinja, Kukw ata wo mu bariho azotsindira mu nyonga zawe.


Yemwe Bisirayeli, ni mwizigire Uhoraho, Kukw imbabazi zibonerwa k’Uhoraho, Kandi kuri we ni ho habonerwa gucungurwa kwinshi.


None rer’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’ uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye?


Arikw ineza y’Imana Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka,


None tuvuge iki? Enda tuvuge yukw abanyamahanga batākurikiye ivy’ ukugororoka bāshitse ku kugororoka, ni kwo kugororoka kuva ku kwizera:


Ni co gituma bitava ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko biva ku Mana igira ikigongwe.


Arik’ ūdakora, akizera Ītsindanishiriza abatāyubashe, ukwizera kwiwe guharūrwa nk’ukugororoka:


Kand’ igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera,


Nzoserura ukugororoka kwawe n’ibikorwa vyawe; ariko ntibizogira ico bigufasha.


maze bakagwa bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane: kuko bongera kwibambira Umwana w’Imana, bakamutēterereza ahibonekeza.


Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.


Kandi ni wewe Mwami, ufise imbabazi: Kuko wishura umuntu wese ibikwiranye n’ico yakoze.


Umuntu vyoshoboka bite kw aba uwera? Cank’ uwavyawe n’umugore, kw aba umugororotsi?


Naho noba mfise urubanza, akanwa kanje nyene ni ko kontsindisha: Naho noba ntunganye, konyagiriza ubugorame.


Ukugororoka kwanyu canke gutungana kw imitima yanyu si vyo bizoba bitumye mwinjira igihugu cabo ngo mucegukire; arik’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana imbere yanyu, kugira ngw ashitse ijambo yarahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


kugira ngo kumbure ntere ishari ab’i wacu, nkize bamwe muri bo.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite