Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Witwaririke guherekeza no gusezera neza Zena umunyabgenge w’ivyagezwe, na Apolo, kugira ngo ntibaze bagire ico babura.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Uze ukore ibishoboka vyose ufashe umucamanza Zena na Apolo nibafata urugendo, kugira ngo baronke ivyo bakeneye vyose.

Gade chapit la Kopi




Tito 3:13
15 Referans Kwoze  

Maz’ Umuyuda yitwa Apolo, amamo yiwe ni muri Alekisanderiya, yar’ umuntu w’ubgenge, ashika muri Efeso; yar’ umunyabushobozi mu vyanditswe.


Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe aramubaza amugeza,


Baduha icubahiro mu buryo bginshi; maze mu gihe co kujabuka kwacu bashira mu bgato ivyo dukennye.


Nuko ntihaze hagire ūmukēngēra, ariko muze mumuherekeze mumusezere amahoro, az’ ansange ino, kuko niteze kw azozanana na bene Data.


aho nzogīra i Sipaniya. Kuko nizigira kuzobarāba nciye iyo, mukamperekeza, mukansezera neza njayo, ni namara kubashira inkumbu buhoro.


Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n’abagore n’abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.


Yesu abaza abigisha ivyagezwe n’Abafarisayo, ati Mbega biremerwa gukiza umuntu kw isabato, canke ntivyemerwa?


Muzobona ibara, abigisha ivyagezwe, kuko mwatwaye urupfunguzo rw’ubgenge: ntimwinjiye ubganyu, n’abāgomba kwinjira mwarababujije.


Umwe mu bigisha ivyagezwe aramwishura, ati Mwigisha, k’uvuze urtyo, natwe uradututse.


Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


arikw Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bībujije inama z’Imana, kuko batābatijwe na we.


Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi.


Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.


Arikw ivya Apolo mwene Data, naramwinginze cane ngw aze i wanyu, az’ azanane na bene Data abo; ntiyakunda na gatoya kuza none, arikw azoza, ni yabona uburyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite