Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 3:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 kuk’ uzi yuk’ ūmeze artyo agoramye kand’ akora ivyaha, yitsindisha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Kuko abantu nk’abo bataye inzira y’ukuri, kandi ivyaha vyabo birabatsindisha.

Gade chapit la Kopi




Tito 3:11
13 Referans Kwoze  

Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha,


Kuko twumvise yuko bamwe bāvuye muri twebge bābahagarikishije imitima amajambo, bakayisangangura, kandi tutābibageze;


Ūmwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’ ūtamwizeye aramaze gutsindwa, kukw atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege.


Aramubgira, ati Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’ uzi yuko nd’ umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntāhateretse, nimbura ivyo ntārimye:


bakwiye kuzibga iminwa, kuko har’ imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubg’ inyungu mbi.


Wame ubibutsa ivyo, ubihanikiririza mu nyonga z’Imana ntibarwanire amajambo kuko bitagira ikimazi, bigwisha abumva.


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


arikw Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bībujije inama z’Imana, kuko batābatijwe na we.


Yandika icete nka ben’ iki:


ntibashire imitima ku migani y’ibinyoma y’Abayuda no ku vyagezwe vy’abantu batera ibitugu ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite