Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ūzana ibice ni wamara kumuhanūra ubga mbere n’ubga kabiri akanka, ntukamwemere,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Nihagira uwuzana ivy’ukwicamwo ibice, uze umwihanize irya mbere n’irya kabiri, niyabandanya, uze umutaramure.

Gade chapit la Kopi




Tito 3:10
12 Referans Kwoze  

Ariko bene Data, ndabinginga kwitegereza abazana ivyo gutandukanya n’ibitsitaza, bidahūra n’ivyo mwize, mubazibukire.


Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze:


bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.


Ni hagira umuntu atumvira ijambo ryacu ryo mur’ iki cete, mumwitegereze, ntimufatanye na we, kugira ngw amāramāre.


Ariko bene Data, turabagera mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, kuzibukīra mwene Data wese agenda asaragurika, cank’ adakurikira ivyo mwashikirijwe natwe.


gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice,


Icompa ababavurunga bakīkona rwose.


Kuko n’ibice bitobura kuba muri mwebge, ngw abemewe muri mwebge baseruke.


Nabivuze nkiri kumwe namwe ubugira kabiri kera, na none ntar’ iyo ni ko mbivuga bitaraba, mbarira abācumuye kera n’abandi bose, yuko ni nagaruka ntazogira akagongwe:


Ariko hār’ abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bg’Abisirayeli, nk’uko no muri mwebge hazobah’ abigisha b’ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitera guhona: bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bīhamagarire uguhona gutebutse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite