Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 N’imisore n’uko ubahanūre ntibahugumbe;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Abakiri bato na bo ubahimiririze kuganza ingeso zabo.

Gade chapit la Kopi




Tito 2:6
9 Referans Kwoze  

Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


Ndabandikiye ba se, kuko mwamenye uwahereye ubga mbere na mbere. Ndabandikiye misore, kuko mwanesheje wa Mubi. Narabandikiye bana bato, kuko muzi Data wa twese.


Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.


Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.


Ntuhambarire umutāma, arik’ umuhanūre nka so, n’abakiri bato n’imisore ubahanūre nka bene nyoko,


Namwe misore n’inkumi; Namwe batāma n’abana:


Imisore yarambona, ikihisha, Abahūmure na bo bakampagurukira bagahagarara;


Nuko rero ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, twirinde ibiboreza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite