Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 no kudahugumba, no kwirinda ubgēruzi, no kwubaka ingo zabo, no kuba inda nziza, bagororokere abagabo babo, kugira ngw ijambo ry’Imana ntiritukwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.

Gade chapit la Kopi




Tito 2:5
22 Referans Kwoze  

Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko bibereye abari mu Mwami wacu.


handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.


Kand’ abarira uwo mugore, ati Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’ umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza.


Ariko namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe umugabo wiwe.


Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.


Abagurano bose bari mu buja ni biyumvire ba shebuja ko bakwiye kwubahwa rwose, ngw izina ry’Imana n’ukwigisha ntibitukwe.


N’inyeruzi, ntahetwa, Ibirenge vyiwe ntibiragama mu nzu;


abagore bacereze mw ishengero, kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe, nk’ukw ivyagezwe na vyo bivuga.


Ariko ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’ umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’ Imana.


Izina ry’Imana muritukisha mu mahanga, nk’uko vyanditswe.


Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.


Mana, umurwanizi azogeza hehe kudutuka? Mbeg’ umwansi azorogota kw izina ryawe ibihe vyose?


Ariko kuko wahaye abansi b’Uhoraho urwitwazo rukomeye rwo kumurogotako kubg’ ico wakoze, wa mwana wavyara ntakabuza azopfa.


Baramubaza, bati Sara umugore wawe ari hehe? arabishura, at’ Ari mw ihema.


Iciza canyu coye gutukwa.


kugira ngo batoze abagore bakiri bato ubgenge bgo gukunda abagabo babo n’abana babo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite