Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa.

Gade chapit la Kopi




Tito 2:13
42 Referans Kwoze  

Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


Bituma mutagira ingabire n’imwe muhaza, mwiteze guhishurwa kw’ Umwami wacu Yesu Kristo.


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.


Yesu aramwishura, ati Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, azananye n’ibicu vyo kw ijuru.


na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n’ubushobozi bga Mpwemu Yera.


ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’ urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twāhawe.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana no mu za Kristo Yesu azocirakw iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye, kandi no kubgo kuzoboneka kwiwe n’ubgami bgiwe:


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


mfise ivyizigiro ku Mana bimwe n’ivyo aba na bo biteze, yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.


Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’ iki gihe c’ubusambanyi kandi c’ikinyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika bera.


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Arikw ineza y’Imana Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka,


Kristo, ni we bugingo bgacu, ni yerekanwa, namwe muzoca mwerekananwa na we muri mu bgiza.


asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.


Nuko kur’ uwo musi bizovugwa, ngw Eh’ iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, na yo iradukiza: uyu ni we Uhoraho; ni we twari turorereye; duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe.


Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


kubg’ ivyizigirwa mwabīkiwe mw ijuru, ivyo mwumvise kera, mw ijambo ry’ukuri kw’ ubutumwa bgiza,


Yesu aramwishura, at’ Urarivuze; yamara ndababgira yuk’ uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubgiza bg’iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza.


Niyumvira yukw imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubgiza tuzohishurirwa.


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’uko vyagezwe n’Imana Umukiza wacu na Kristo Yesu ivyizigiro vyacu,


ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda: ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.


Ndakwandikiye Tito, umwana wanje nyakuri kubg’ ukwizera dusangiye. Ubuntu n’amahoro bibe kuri wewe biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu.


mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite