Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,
Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.
Abāri mw isinagogi bamaze gusābagira, benshi mu Bayuda bo n’abātoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; na bo bayāga na bo, barabahanūra ngo bashishikare kuguma mu buntu bg’Imana.
asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.