1 Ariko weho uvuge ibihwanye na kwa kwigisha kuzima.
1 Ariko weho wigishe ibihwanye n’inyigisho z’ukuri.
Gumya icitegererezo c’amajambo mazima wanyumvanye, ukigumishe ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu.
Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y’Umwami wacu Yesu Kristo, n’inyigisho zihūra n’ukwubaha Imana;
agumya ijambo ryo kwizerwa rihūra n’ukwigisha kwacu, kugira ngw abone guhanūra abantu mu kwigisha kuzima no gutsinda abamuhāririza.
Iryo jambo n’iryo kwizerwa, ndagomba yuk’ utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngw abizeye Imana bagire umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu.
abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,
Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen.