Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 agumya ijambo ryo kwizerwa rihūra n’ukwigisha kwacu, kugira ngw abone guhanūra abantu mu kwigisha kuzima no gutsinda abamuhāririza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza.

Gade chapit la Kopi




Tito 1:9
24 Referans Kwoze  

Nuko bene Data, mushikame, mugumye ivyo mwashikirijwe, mwigishijwe, ar’ ivyo mwigishirijwe mu majambo canke mu cete cacu.


Gumya icitegererezo c’amajambo mazima wanyumvanye, ukigumishe ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu.


Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y’Umwami wacu Yesu Kristo, n’inyigisho zihūra n’ukwubaha Imana;


abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,


Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.


Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.


Ariko weho uvuge ibihwanye na kwa kwigisha kuzima.


bakwiye kuzibga iminwa, kuko har’ imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubg’ inyungu mbi.


Kukw igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kukw amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahūje n’ukwifuza kwabo,


mugerageze vyose, mugumye ivyiza,


Gura ukuri, ntugushōre; Bo n’ubgenge n’indero nziza n’ubukerebutsi.


Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi? Erega yakomeje ukugororoka kwiwe gushitsa n’ubu, naho wanteye kumugeseza ata co ndamuhōye.


Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire ūgutwara igitsibo cawe.


ko mwumira ku co mufise mugashitsa aho nzozira.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri,


kand’ ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi.


Iryo jambo n’iryo kwizerwa rikwiye kwemerwa rwose.


ugumye ukwizera, ufise umutima utarimw’ ijwi rikwagiriza ikibi; iryo bamwe bāshibuye bakamera nk’ubgato busāvye mu vy’ ukwizera.


kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y’abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.


Ukugororoka kwanje ndakubangirije, nta ho nzokurekura, Umutima wanje ntuzokwigera unyagiriza no ku vy’umusi n’umwe mu yanje yose.


Ariko bose iyo bavugishwa n’Imana, hakinjiramw’ ūtizera cank’ umutungu, yomenyeshwa ivyaha vyiwe na bose, agahinyuzwa na bose,


Ariko weho ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuk’ uzi abākwigishije:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite