Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ar’ umuntu atabonekak’ umugayo, afise umugore umwe gusa, afise abana bizera, bataregwa kw ar’ ibihumbu cank’ ibiganda.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Umurongozi w’ishengero ategerezwa kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, abana biwe bizera kandi batazwi nk’abigenza nabi canke abagarariji.

Gade chapit la Kopi




Tito 1:6
18 Referans Kwoze  

Umukozi w’ishengero wese abe umugabo afise umugore umwe gusa, aganza neza abana biwe n’abo mu rugo rwiwe.


Kuko hariho benshi b’ibiganda, cane‐cane n’abo mu bākebge, bavuga ibitagira ikimazi, n’inyosha mbi,


Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.


Kandi ntibaze bacūre abapfakazi, canke ngo bābīre uwirukanywe: ariko baze basabe inkumi zo mu ruvyaro rw’inzu ya Isirayeli, canke se baze bacūre umupfakazi yapfakaye mu baherezi.


Ntihaze hagire uwābira maraya muri bo, cank’ uwamaze kwononekara, kandi ntihagire uwābīra uwirukanywe n’umugabo wiwe: kuk’ umuherezi ar’ uwera kuri jewe, Imana yiwe.


Kandi turabahanūra, bene Data, muhubūre abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose.


Ku ngoma ya Herode, umwami w’i Yudaya, hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yar’ afise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elisabeti.


Uwitondera ivyagezwe wese aba ar’umwana w’ubgenge, Arik’ umugenzi w’abakunzi b’ inda atētereza se.


Nuko Eli yar’ ageze mu zabukuru; kandi yama yumva ivyo abo bahungu biwe bagirira Abisirayeli bose, kandi ko basambana n’abagore bākora ibikorwa vyo ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Maze Elukana asubira i we i Rama. Arik’ uwo mwana akorera Uhoraho imbere ya Eli umuherezi.


Arik’ umupfakazi, cank’ uwirukanywe, cank’ uwamaze kwononekara, canke maraya, ntaz’ agire uwo yābīra muri bo, atar’ inkumi yirongoreye yo mu bgoko bgabo,


Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.


Nta wokoze ben’ ivyo, Mpwemu akiri muri we. Ūmufise bimumerera bite? Yifuza kugira uruvyaro ruzokwubaha Imana. Nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, ntihagire ūryaruka umugore wiwe wo mu bucance.


azi yukw ivyagezwe bitāshiriweh’ umugororotsi, ariko vyāshiriweh’ abagarariji n’ibigāba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abanegura ivyayo n’abakora ibizira, abica ba se na ba nyina, abicanyi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite