Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse.

Gade chapit la Kopi




Tito 1:5
18 Referans Kwoze  

Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu, uwo bizeye.


Nuko guma muri Efeso, nk’uko nakugīriye inama hamwe naja i Makedoniya, kugira ng’ uteshe ba bandi ntibigishe ibiciye ukundi,


Vyongeye kandi, Umusiguzi kuko yar’ umunyabgenge yashishikaye kwigisha abantu ubgenge; mbere yakoze irya n’ino, araserangura, aroranya imigani myinshi.


Ariko vyose bitungane neza, birorane.


kand’ ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n’abandi.


Umuntu ni yasonza, ararya i we, kugira ngo ntimukoranire gutsindwa n’urubanza. Ibisigaye nzobiroranya aho nzozira.


Bamaze igihe kirekire batakirya, Paulo ahagarara hagati muri bo, arababarira, ati Yemwe bagabo, mwāri mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n’ubuhombe.


Kandi kukw icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagīra inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara urushana, hār’ icambu c’i Kirete, cerekeye hagati y’i burārūko n’i burasirazuba, kandi hagati y’i burasirazuba n’i bumanuko.


Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y’i Kinido bitugoye cane, maz’ umuyaga utubujije duca musi y’i Kirete, imbere y’i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga.


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


Ni nde ahwanye nanje? N’abiserure, abitāngāze, abishire ngaho imbere yanje! Uhereye kera hose ni nde yamenyekanishije ibizoba? Ibigira bize n’ibizobaho ni babivuge!


Kuko naho ntari kumwe namwe ku mubiri, ndi kumwe namwe ku mutima, nnezerewe kandi mbona ugushira hamwe kwanyu kwiza, n’ugushikama mu kwizera Kristo kwanyu.


Abakirete, n’Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana.


bagashitsa igikorwa cabo co kuririmba imbere y’ihema, ari ryo hema ry’ibonaniro, gushitsa habonetse ingoro Salomo yubakiye Uhoraho i Yerusalemu; bagakora igikorwa cabo bakūranwa, nk’ukw ibihe vyabo biri.


Maz’ umuyaga uturutse i bumanuko uheheye buhoro, bibgiye ko baronse ico bāgomba, bazitura ubgato, bagenda bakikira hafi cane y’i Kirete.


Ni co gituma mbatumyeko Timoteyo, umwana wanje nkunda, ayobokera Umwami wacu; azobībutsa inzira zanje zo muri Kristo, nk’uko nigisha hose mu mashengero yose.


Umwe muri bo w’umumenyi wabo yaravuze, ati Na ntaryo Abanyakirete n’ababeshi, n’ibikōko bibi, n’abanebge b’abakunzi b’inda.


Baheze bazane ayandi mabuye, bayasanishe aho basambuye ya yandi, bazane n’iyindi ngwa, bahome iyo nzu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite