Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ndakwandikiye Tito, umwana wanje nyakuri kubg’ ukwizera dusangiye. Ubuntu n’amahoro bibe kuri wewe biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ndakwandikiye Tito, umwana wanje vy’ukuri mu kwizera dusangiye: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu bibane na we.

Gade chapit la Kopi




Tito 1:4
31 Referans Kwoze  

ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda: ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Kuko ni vyaba birtyo, muzohabga rwose kwinjira mu bgami budashira bga Yesu Kristo, ni we Mwami n’Umukiza wacu.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


nabuze uko nduhuka mu mutima wanje, kuko ntasanzeyo Tito mwene Data; nuko narabasezeye, nja i Makedoniya.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


Ivya Tito, ni we dufatanije igikorwa, kandi ni mugenzanje dukorana ivyanyu; kand’ ivya bene Data abo, n’intumwa z’amashengero, kandi n’icubahiro ca Kristo.


ni kwo guhūmurizanya namwe, mpūmurizwe n’ukwizera kwanyu, namwe muhūmurizwe n’ukwanje.


maze babgira uwo mugore, bat’ Ubu ho ntitwizeye kubg’ amajambo yawe gusa, kuko natwe twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’ Umukiza w’isi vy’ukuri.


Kand’ ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’ igomba, itwumva.


kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:


Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’ isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi.


Ariko mu bihe yitoranirije yerekanishije ijambo ryayo ubutumwa najejwe, nk’ukw Imana Umukiza wacu yageze.


turabandikiye bene Data bo muri Kristo bera b’abizigirwa, mur’ i Kolosayi. Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebge biva ku Mana Data wa twese.


Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.


Ariko na Tito twari kumwe ntiyagōberewe ngw akebge, naho yar’ Umugiriki,


Nagishije inama Tito, ndamurungikana na mwene Data wa wundi. Har’ inyungu Tito yabātse? Ntitwagendeye muri Mpwemu umwe? Ntiyageze ikirenge mu canje?


Arikw Imana ishimwe, ishize mu mutima wa Tito kubagirira umwete nk’uwo mbagirira.


Ni co catumye twinginga Tito, ngw asozere ico gikorwa c’ubuntu no muri mwebge, nk’uko yagitanguye kera.


Arikw Imana ihūmuriza abicisha bugufi yaduhūmurishije ukuza kwa Tito.


Ariko ko dufise uwo mutima wizera, uboneka mu vyanditswe, ngo Nizeye, ni co catumye mvuga; natwe nyene turizera, ni co gituma tuvuga.


ndabandikiye mwese mur’ i Roma mukundwa n’Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.


Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.


Mwese mur’ abana b’Imana kubgo kwizera Kristo Yesu:


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, intumwa yo kuvuga isezerano ry’ubugingo bubonerwa muri Kristo Yesu,


Dema yarantaye, kukw akunze iyi si ya none, yīgīra i Tesalonike: Keresikenti yagiye i Galatiya: Tito yagiye i Dalumatiya.


twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite