Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 ukwizera n’ubumenyi bishingiye ku vyizigiro vy’ubugingo budashira turi kumwe n’Imana idapfa, ubwo twasezeraniwe isi itarabaho,

Gade chapit la Kopi




Tito 1:2
46 Referans Kwoze  

Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?


Iri ni ryo sezerano yadusezeraniye, n’ubugingo budashira.


yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,


mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, intumwa yo kuvuga isezerano ry’ubugingo bubonerwa muri Kristo Yesu,


kugira ngo dutsindanishirizwe n’ubuntu bgayo, duce tuba abaragwa b’ubugingo budashira, nk’ukw ivyizigiro vyacu biri.


twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,


Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.


naho tutoba abizigirwa, we ahora ar’ umwizigirwa, kukw adashobora guhindagurika.


Ereg’ Inyenkomezi y’Abisirayeli ntibesha, kandi ntiyīrīmbūra, kukw atar’ umuntu ngw ize yīrīmbūre.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


nawe ubgawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo,


Ariko tweho, ko tur’ ab’ umurango, twirinde ibiboreza, twambaye icuma gikīngīra igikiriza c’ukwizera n’urukundo, kandi twambaye nk’inkofero ukwizigira agakiza.


Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Ni co gituma nihanganira vyose kubg’ abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n’ubgiza budashira.


bībīkire ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo bacakire ubugingo nyakuri.


kugira ngo, nk’ukw icaha cashizwe ku ngoma n’urupfu, abe ari ko n’ubuntu bg’Imana bushirwa ku ngoma n’ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubga Yesu Kristo Umwami wacu.


Ni k’Uhoraho agize, akora ivyo vyose, yabimenye uhereye ku kuremwa kw’isi.


nk’uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngw abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira.


kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje.


Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira,


Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubugingo budashira, nanje nzomuzura ku musi w’iherezo.


Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe,


wame urwana intambara nziza yo kwizera, ucakire ubugingo budashira, ubgo wahamagariwe, ukabgaturira ukwatura kwiza mu maso y’ivyabona vyinshi.


bishe Umwami Yesu n’abāvugishwa n’Imana, kandi natwe bāratwirukanye, ntibānezereje Imana, barwanya abantu bose;


Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose,


kand’ ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba;


yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubgiza bg’Imana.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


ubgo yasezeraniye kera mu kanwa k’abo yavugisha mu vyanditswe vyera,


Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho.


abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubgiza bg’iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza.


atazobishumbushwa ijana mur’ iki gihe ca none, amazu, na bene nyina, na bashiki biwe, na ba nyina, n’abana, n’itongo, bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabga ubugingo budashira.


Agisohoka ngw akomeze urugendo, haza umuntu kuri we yirukanga, aramupfukamira, aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite