Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n’abo kwankwa urunuka, n’abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko bayihakana. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora.

Gade chapit la Kopi




Tito 1:16
27 Referans Kwoze  

Ūvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we.


Umwami Imana aravuga, at’ Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje, n’ukunyubaha kwabo kukaba ar’ icagezwe bigishijwe n’abantu.


Ntihakagire umuntu abahendesha amagambo y’ubusa: kukw ivyo ari vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Arik’ umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane‐cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’ azoba abaye hanyuma y’ūtizera.


Mugabo bandondera uko bukeye, banezererwa kumenya inzira zanje; nk’ihanga ryakora ivy’ ukugororoka, ntirireke ivyagezwe vy’ Imana yabo, ni ko bansaba ivyagezwe vyo kugororoka, bakanezererwa kwēgēra Imana.


Ni mwumve ibi, yemwe nzu ya Yakobo, abitwa izina rya Isirayeli, bakanduruka mu rura rwa Yuda; abarahira izina ryanje Uhoraho, bakavuga Imana ya Isirayeli, ariko mu bitar’ ivy’ ukuri canke mu vy’ukugororoka.


Maze Sauli yishura Samweli, ati Naracumuye, kuko ntumviye icagezwe c’Uhoraho n’amajambo yawe, ngatinya abantu nkabumvira.


Nanswe umuntu agayitse kand’ abihiye, Agotomera ibigabitanyo nk’ amazi!


azi yukw ivyagezwe bitāshiriweh’ umugororotsi, ariko vyāshiriweh’ abagarariji n’ibigāba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abanegura ivyayo n’abakora ibizira, abica ba se na ba nyina, abicanyi,


Ni k’uwumva amajambo y’ Imana avuga, Agatakw akamenya ubgenge bg’ Īsumba vyose, Akerekwa Īshobora vyose nko mu nzozi, Akīkubita hasi, arikw ahumūye amaso:


Abantu bazobīta ifeza z’ibihonwa, kuk’ Uhoraho abashibuye.


Har’ urunganwe rw’abantu bibgira ko batunganye, Ariko ntibuhagiwe imyanda yabo.


turacumura kandi twihakana Uhoraho, duta inzira tukareka gukurikira Imana yacu, tukavuga ivy’ agahahazo n’ubugarariji; dusama inda y’ ibinyoma, tukabivuga biturutse mu mutima.


Naho barahira uguhoraho kw’Uhoraho, n’ukuri barahira ibinyoma.


Warababaditse, mbere bashinga imizi; barakura, mbere no kwama barāma: uhora hafi mu kanwa kabo, arik’ ukaba kure y’imishaha yabo.


kugira ng’ umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.


Ubibutse kugamburukira abakuru n’abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose,


Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite