Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Nta kintu gihumanye ku bafise imitima idahumanye. Ariko ku bahumanye kandi batizera, nta kidahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ivyiyumviro vyabo vyarononekaye.

Gade chapit la Kopi




Tito 1:15
21 Referans Kwoze  

Ndabizi, kandi nemejwe neza n’Umwami Yesu, yukw ata gihumanya ubgaco; shit’ uwiyumvira kw ikintu gihumanya, ni we cohumanya.


ntimusenyure igikorwa c’Imana kubg’ ivyo kurya. Vyose ntibihumanya koko, ariko, uwo muntu arya ibimutsitaza, azobona ibara.


Vyose turavyemererwa, arikw ibitugirira ikimazi si vyose. Vyose turavyemererwa, arikw ivyubaka si vyose.


Arikw ibiva mu kanwa biba biturutse mu mutima, ni vyo bimuhumanya.


Ariko, ūkekeranya wese iy’ ariye aba atsinzwe, kuko bitaba bivuye ku kwizera: ikitava ku kwizera cose n’icaha.


Nukw iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.


Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.


Arik’ ubgo bgenge ntibufiswe na bose: kuko bamwe bāremariye mu bigirwamana gushitsa n’ubu, barya ikintu bibgira ko caterekerejwe ikigirwamana, kand’ umutima ugahumanywa no kudakomera.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


Izo zigurwa mw ibāgiro, mube muzirya ata co mubajije kubg’ ijwi ryo mu mutima:


n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.


Ijisho ry’agakēngērwe n’umutima w’ubgibone Bo n’itara ry’abanyakibi n’ icaha.


Maze Hagayi arababaza, at’ Umuntu yahumanijwe n’ukw akoze ku muvyimba, yokora kuri kimwe mur’ ivyo, coba gihumanye? Abaherezi barishura, bati Coba gihumanye.


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


Har’ urunganwe rw’abantu bibgira ko batunganye, Ariko ntibuhagiwe imyanda yabo.


mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite