Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Tito 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Umwe muri bo w’umumenyi wabo yaravuze, ati Na ntaryo Abanyakirete n’ababeshi, n’ibikōko bibi, n’abanebge b’abakunzi b’inda.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 N’umwe mu bavugishwa babo yaravuze ati: “Abanyakirete bama babesha: ni ibikoko vy’inkazi, ni ibinebwe n’abakunzi b’inda.”

Gade chapit la Kopi




Tito 1:12
12 Referans Kwoze  

bavugisha uburyarya bg’abanyabinyoma, bokejwe icapa mu mitima yabo ibāgiriza ikibi,


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


Kuko muri yo ari ho tubeshejweho, tugenda, turi n’ubugingo; nk’uko na bamwe bo mu bigeneye indirimbo banyu bāvuze, bati Kuko natwe, tur’ uruvyaro rwayo.


Bātaye inzira igororotse, barazimira, bakurikira inzira ya Balamu, mwene Beyori, umwe yakunze ingero zo kugabitanya,


Arikw abo bantu bameze nk’ibikōko bitagira ubgenge, ibikōko bukōko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, guhonnya kwabo kuzobahonnya na bo,


Abakirete, n’Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana.


Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y’i Kinido bitugoye cane, maz’ umuyaga utubujije duca musi y’i Kirete, imbere y’i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga.


Kandi kukw icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagīra inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara urushana, hār’ icambu c’i Kirete, cerekeye hagati y’i burārūko n’i burasirazuba, kandi hagati y’i burasirazuba n’i bumanuko.


Maz’ umuyaga uturutse i bumanuko uheheye buhoro, bibgiye ko baronse ico bāgomba, bazitura ubgato, bagenda bakikira hafi cane y’i Kirete.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite