Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Rusi 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe bompi umwe yitwa Mahaloni, uwundi yitwa Kiliyoni, bār’ Abanyefurata b’i Betelehemu h’i Buyuda. Bashika mu gihugu c’i Mowabu, babayo.

Gade chapit la Kopi




Rusi 1:2
11 Referans Kwoze  

Nuko Rakeli arapfa, bamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Nukw Abisirayeli batonda urugamba, n’Abafilisitiya n’uko, urugamba ruhanganye n’ urundi.


Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.


Nuk’ uwo musi Abanyamowabu baneshwa n’Abisirayeli. Igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongumunani.


Kandi hārih’ umusore w’i Betelehemu h’i Buyuda wo mu muryango wa Yuda w’Umulewi, yari yaje ngaho.


Elimeleki, umugabo wa Nawomi, arapfa; asigarana n’abahungu biwe bompi.


Maze Mahaloni na Kiliyoni bompi barapfa; uwo mugore abura abana biwe bompi n’umugabo wiwe.


Kandi Nawomi yar’ afise mwene wabo w’umugabo wiwe, umuntu akomeye w’umutunzi, wo mu muryango wa Elimeleki, yitwa Bowazi.


Bowazi abarira abashingantahe n’ abantu bose, ati Mbatanzekw ivyabona uyu musi, yuko nguze ivyar’ ivya Elimeleki vyose, n’ivyar’ ivya Kiliyoni na Mahaloni, mbiguze na Nawomi.


Kandi Dawidi yar’ umwana wa wa Munyefurata w’i Betelehemu h’i Buyuda yitwa Isayi; Isayi yar’ afise abahungu munani; kand’ igihe Sauli yīma Isayi yar’ ashitse mu zabukuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite