Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Rusi 1:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nawomi aravuga, ati Rāba, mugenzawe asubiye mu b’i wabo no ku mana yabo: nawe subirayo, ukurikire mugenzawe.

Gade chapit la Kopi




Rusi 1:15
16 Referans Kwoze  

Uti Non’ igihugu imana yawe Kemoshi yoguha, ntiwocegukira? Uti Na bo n’uko, igihugu Uhoraho Imana yabo yasohoyemwo bene co bose ngo bababise, bāracegukiye.


n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.


Maze Eliya abarira Elisa, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Beteli. Elisa aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baramanuka baja i Beteli.


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Bavuye muri twebge, ariko ntibar’ abacu: iyo baba bar’ abacu, baba baragumanye natwe: arikw icatumye batuvamwo kwar’ ukugira ngo bahinyuke bose kw atar’ abacu.


Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.


Bashitse hafi y’umuhana bajako, amera nk’ūgomba kuwurēngāna.


Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.


Amagambo yo mu kanwa kiwe n’ukugabitanya n’ubugunge; Yaretse kugira ubgenge no gukora ivyiza.


Ariko Yosuwa abarira abantu, ati Ntimuzobishobora kugendanira Uhoraho, kukw ar’ Imana yera kand’ ar’ Imana ifūha; ntizoharira ibicumuro vyanyu cank’ ivyaha vyanyu.


Barongera baraturikīsha, bararira: Orupa agūmbīra inabukwe, ariko Rusi we amugumakw akaramata.


Rusi aramwishura, ati Reka kunyinginga kuguheba, no gusubira inyuma ngo noye kugukurikira; kukw ah’ uzoja ari ho nzoja, kand’ ah’ uzorāra ari ho nzorāra; ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje;


Na we aramwishura, at’ Eka ntitujana, ariko nisubiriye mu gihugu cacu no mu b’i wacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite