Uti Non’ igihugu imana yawe Kemoshi yoguha, ntiwocegukira? Uti Na bo n’uko, igihugu Uhoraho Imana yabo yasohoyemwo bene co bose ngo bababise, bāracegukiye.
Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.
Rusi aramwishura, ati Reka kunyinginga kuguheba, no gusubira inyuma ngo noye kugukurikira; kukw ah’ uzoja ari ho nzoja, kand’ ah’ uzorāra ari ho nzorāra; ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje;