1 Mu misi y’abacamanza ikigoyi cateye mu gihugu. Nuk’ umugabo w’i Betelehemu h’i Buyuda asuhukira mu gihugu c’i Mowabu, bo n’umugore wiwe n’abahungu biwe bompi.
Maz’ inzara itera mur’ ico gihugu: nuko Aburamu aramanuka, aja muri Egiputa, ngw asuhukireyo, kukw inzara yari nyinshi mur’ ico gihugu.
Hatera iyindi nzara ya kabiri mur’ ico gihugu, itar’ imwe ya mbere yo mu gihe ca Aburahamu. Isaka aja i Gerari kwa Abimeleki umwami w’Abafilisitiya.
riti Mwana w’umuntu, igihugu ni cakora icaha kikancumurako, nanje nkagishingiriza ukuboko kwanje, nkavuna inkoni yaco cishimikije, ni yo mutsima waco, nkakirekuriramw’ inzara, nkakiranduramw’ abantu n’ibitungano,
Yari yaravuye mur’ ico gisagara c’i Betelehemu h’i Buyuda, aja kurondera ah’ aba; akirikw arāngāra mu mugamba w’Abefurayimu aserukira ku rugo rwa Mika.
Nzocobogoza ubushobozi bganyu mwihaya, mpindure ijuru ryo hejuru yanyu nk’icuma, n’isi yanyu nk’umuringa.
Kigoyi kirushiriza kuba cinshi mu gihugu.
Nanje nabahaye kuba ubgūmakanwa mu bisagara vyanyu vyose, no kubura ivyo kurya mu ngo zanyu zose; na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.
Ahamagara amapfa ngw atere mu gihugu; Avuna inkoni yose bishimikije, ni vyo vyo kurya vyabo.
Muzosohora imbuto nyinshi, mwimbure bike, kukw inzige zizobirya.
Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?
Ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya rivuga ivy’ uruzuba.
Igihugu kimera agihindura akarēre k’umunyu, Kubg’ ivyaha vy’abahaba.
Nuko Eliya aragenda, ngw aje kwiyereka Ahabu. Ico gihe kigoyi cari cinshi cane i Samariya,
Yefuta akurikirwa na Ibusani w’i Betelehemu, aba umucamanza w’Abisirayeli.
Ku ngoma ya Dawidi hatera inzara, imara imyaka itatu ikurikiranye; maze Dawidi aja kubisiguza Uhoraho. Uhoraho arishura, ati Vyātewe n’ubgicanyi bga Sauli n’inzu yiwe, kuko yishe ab’i Gibeyoni.
Kandi hārih’ umusore w’i Betelehemu h’i Buyuda wo mu muryango wa Yuda w’Umulewi, yari yaje ngaho.
Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.
na Saluma se wa Betelehemu, na Harefu se wa Beti‐gaderi.
Abandurutse kuri Saluma ni Betelehemu n’Abanetofati na Atiroti‐Beti‐Yowabu na Hasi‐hamanahati n’Abasori.