Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Obadiya 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ewe Temani, abahizi bawe bazogwa igihumura, bitume abantu bose iyo bava bakagera baririkwa, bashire ku musozi wa Esau.

Gade chapit la Kopi




Obadiya 1:9
19 Referans Kwoze  

Nuko nzokwanda umuriro i Temani, utongore ingoro z’i Bosira.


nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Banyedomu, mbaranduremw’ abantu n’ibitungano; kandi nzohahindura amatongo uhereye i Temani, baririkwe n’inkota gushitsa n’i Dedani.


Eh’ azodūga aguruke nk’inkukuma, asānze amababa i Bosira: kand’ umutima w’abahizi b’i Edomu kur’ uwo musi uzohinduka nk’umutima w’ umugore ari ku bise.


Bene Elifazi ni Temani na Omari na Sefo na Gatamu na Kenazi.


Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Edomu, n’imigabo yagabiye y’ivyo azogirira ababa i Temani: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ukuri azobagesezanya n’aho baba.


Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?


Nukw abakunzi ba Yobu batatu bumvise ivyo vyago vyose vyamuteye, baraza, umuntu wese muri bo ava i we: Elifazi w’i Temani, na Biludadi w’i Shuhi, na Zofari w’i Nayama; baragana indagano kuja kumugarukirako no kumugandaza.


Kand’ abatabazi bazodūga ku musozi Siyoni, ngo bacire urubanza umusozi wa Esau; kand’ ubgami buzoba ubg’ Uhoraho.


kandi n’uwar’ inshirabinya mu bahizi kur’ uwo musi azohunga yambaye ubusa, ni k’ Uhoraho agize.


Yobabu atanze, Hushamu wo mu gihugu c’Abatemani asubira ku ngoma yiwe.


Eh’ abantu bawe bari muri wewe bameze bga bagore; amarembo y’igihugu cawe yugururiwe abansi bawe: umuriro watōngōye imyugariro yawe.


ntimubandurutse, uti Kukw atazobaha ku gihugu cabo, naho hoba aho gukandagiza ikirenge; uti Kukw imisozi y’i Seyiri yayihaye Esau kuba ishamvu yiwe.


Ewe kuntu ugeseye! Ibisuma vyokūzira, cank’ abambuzi mw ijoro, mbega ntibogusahura kugeza bīhāgije gusa? Cank’ abāmūzi b’inzabibu boza kuri wewe, mbega ntibosigaza uduhūmbga tw’inzabibu?


Imana yaje ivuye i Temani, Uwera yaje ku musozi Parani. Sela. Ubgiza bgiwe bgakwiye ijuru, Kand’ isi yuzuye ishimwe ryiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite