Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Obadiya 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ewe kuntu ugeseye! Ibisuma vyokūzira, cank’ abambuzi mw ijoro, mbega ntibogusahura kugeza bīhāgije gusa? Cank’ abāmūzi b’inzabibu boza kuri wewe, mbega ntibosigaza uduhūmbga tw’inzabibu?

Gade chapit la Kopi




Obadiya 1:5
13 Referans Kwoze  

Abamura inzabibu bogushikako, mbega hari n’uduhumbga tw’ inzabibu bogusigariza? Cank’ ibisuma vyogutahako mw ijoro ntivyokwoza uko bishaka?


Kand’ iyo hagize ūja kwāmūra inzabibu mu ruzabibu rwiwe, ntaz’ asubiremwo guhūmba: izisigaye zizoba iz’ umunyamahanga cank’ impfuvyi cank’ umupfakazi.


Ariko hazosigaramw’ uduhūmbga, nk’ uko dusigara ku giti ca elayo bamaze kukinyiganyiza, hosigarayo elayo tubiri canke dutatu mu bushorishori, cabure tune canke dutanu ku mashami y’inyuma y’igiti cāri kiregeje, ni k’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, agize.


Ico ni ca gisagara cihaya, cahora cicaye ata co cinona, kikīyāgira mu mutima, kiti Ni jewe ndiho, nta wundi atari jewe! Ewe kuntu gicitse amatongo, n’ubugaramango bg’ibikōko! Umuntu wese azohaca azohavuzakw agahwa, ahadōdekw agatoke.


Mbonye ibara! Kuko mmeze nk’igihe c’iyerūra ry’amatunda yo mu ci, nk’uduhūmbga two mu ruzabibu: ata n’agahando ko kurya; umutima wanje wifuza agasukoni k’isega.


Ewe kuntu igisagara cari cuzuye abantu gisigaye cicaye ubusa! Ukuntu cahindutse nk’umupfakazi! Icar’ agakomeye mu mahanga, kikaba umwamikazi mu ntāra, Ukuntu gisigaye gishikanira abandi!


Ewe kuntu ya nyundo yar’ igeramiye isi yose ivunitse, imenaguritse! Ewe kuntu i Babuloni hahindutse ibitongozi hagati mu mahanga!


Kuk’ ukw ari ko bizomera mw isi hagati mu mahanga; bizomera nk’iyo banyiganyije igiti ca elayo, canke nk’uduhumbga tw’inzabibu iy’ iyimbura rishize.


Ewe kuntu ukorotse uvuye kw ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu we, wa mwana w’umutwenzi! Ewe ingen’ uciwe ugashika hasi, wewe watsinda amahanga!


At’ Ewe Isirayeli, icubahiro cawe gitsinzwe ku mpinga z’imisozi yawe! Ewe kuntu abahizi bāguye!


bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe, bati N’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni, wa gisagara c’inkomezi, kuko mw isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye!


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazohūmba bamaririkanye amasigarira y’Abisirayeli, nk’uko bahūmba umuzabibu: subira uje uratuma ukuboko nk’uwamurira inzabibu mu bisamba.


Ewe Temani, abahizi bawe bazogwa igihumura, bitume abantu bose iyo bava bakagera baririkwa, bashire ku musozi wa Esau.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite