Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Obadiya 1:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kand’ ab’ inzu ya Yakobo bazoba umuriro, n’ab’ inzu ya Yosefu babe imbeya zawo, n’ab’ inzu ya Esau babe nk’ibishingwe, babaturire, babatongōre; nta wuzosigara mu b’ inzu ya Esau; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.

Gade chapit la Kopi




Obadiya 1:18
23 Referans Kwoze  

Kur’ uwo musi abatware b’Abayuda nzobahindura nk’urujo rurik’ umuriro rushirwa mu nkwi, canke nk’urumuri rwaka rushizwe mu mikama y’ingano; bazotōngōra amahanga yose abakikije i buryo n’i bumoso; kandi Yerusalemu hazokwongera kwubakwa aho hāhoze, ni ho i Yerusalemu nyene.


Kand’ umuco w’Abisirayeli uzoba nk’umuriro, kand’ Uwera wabo azoba nk’urubeya: uzoturira utongore amahwa yiwe n’imikere yiwe ku musi umwe.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


uz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nābīre inkoni ya Yosefu, iri mu kuboko kwa Efurayimu, n’ imiryango y’Abisirayeli bīherereje kuri we; maze mbungikanye n’ inkoni ya Yuda, mbagire inkoni imwe, ngo babe umwe mu kuboko kwanje.


Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.


Arikw iryo tanguriro, umuntu ni yaryubakishakw izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye y’igiciro kinini, cank’ ibiti, cank’ ubgatsi, cank’ ibishakashaka,


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Kand’ uko mwanywereye ku musozi wanje wera, uko ni kw amahanga yose azokwama anywa na ntaryo; mbere bazonywa bagotomere, bamere nk’abatakiriho.


bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Kwiginagura kwabo, wumva umengo n’uguhinda kw’imikogote y’intambara ikwegwa n’amafarasi ku mpinga z’imisozi, kand’ umengo n’uguhinda kw’imbeya z’umuriro zitōngōra ibirararara; bameze nk’ ingabo z’inkomezi zitonze urugamba mu ntambara.


rit’ Ewe mwana w’ umuntu, abīra inkoni, uyandikeko, uti N’iya Yuda n’Abisirayeli bīherereje kuri we: wābīre n’iyindi nkoni, uyandikeko, uti N’iya Yosefu, inkoni ya Efurayimu, n’inzu yose y’Abisirayeli bīherereje kuri we:


Rāba bazoba nk’ibishingwe, umuriro uzobaturira; ntibazokwikiza inkomezi z’ imbeya zawo; ntuzoba amakara yo kwota, cank’ umuriro wo kwicarako.


Igitandara cabo kizokūrwaho no gucika ivutu, kand’ abaganwa babo bazokwihebeshwa n’ibendera, ni k’Uhoraho agize, afise umuriro wiwe i Siyoni, akagira itanure ryiwe i Yerusalemu.


kuko jewe umusavyi wawe ndazi ko nacumuye; ni co gitumye uyu musi mbaye uw’intangamarāra mu muryango wa Yosefu wose kumanuka kugusanganira, mwami wanje nyen’ ingoma.


Kukw ibigabitanyo biturira nk’umuriro, utongora imikere n’amahwa, ukadomeka n’ibisaka vyo mw ishamba, bigacika umwotsi wipfundikanya utwaje intunda hejuru.


Uburake bg’Uhoraho Nyen’ ingabo ni bgo butumye igihugu gitongoka: abantu na bo bakamera nk’inkwi z’umuriro; nta wugirira akagongwe mugenzi we.


ntihazoba hakiri n’amasigarira muri bo, kuko nzozana ivyago ku bagabo bo muri Anatoti, ni wo mwaka wo kūzirwa kwabo.


kandi nzohenebereza ababa muri Ashidodi, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe muri Ashikeloni; kandi nzotuma ukuboko kwanje ntere Ekuroni, maz’ amasigarira y’Abafilisitiya azohona, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.


Nukw abantu bakwiragira mu gihugu cose ca Egiputa kwironderera udushingweshingwe mu mwanya w’ibiganogano.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite