Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Obadiya 1:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ariko ku musozi Siyoni hazoba ubukiriro, kandi hazoba hēra; ab’ inzu ya Yakobo bazokwiganzira ivyabo.

Gade chapit la Kopi




Obadiya 1:17
25 Referans Kwoze  

Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


Eh’ Umwami Uhoraho atungiriye igitsūre ubgami bukora ivyaha, ati Nzoburandura mw isi; mugabo sinzorandura inzu ya Yakobo rwose, ni k’Uhoraho agize.


Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa: kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uk’ Uhoraho yavuze, kandi mu masigarira hazobamw’ abo Uhoraho azoba ahamagaye.


Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.


Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’ igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.


Ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko ndi kumwe nawe: kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzoguhana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


nīgije hafi ukugororoka kwanje, ntikuzoba kure; n’agakiza kanje ntikazotebagana; kandi nzoshira ako gakiza i Siyoni kubga Isirayeli, ni we cubahiro canje.


I Siyoni hazocunguzwa guca iziroranye, abīsubiyemwo baho bazocunguzwa ukugororoka.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera.


Kand’ abazokira inkota bagasubira mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu gihugu ca Egiputa, bazoba ar’ imparūrwa; kand’ amasigarira yose y’i Buyuda, abāgiye mu gihugu ca Egiputa kubayo, bazomenya ijambo rihamye iry’ ari ryo, kw ar’ iryanje cank’ iryabo.


ngo mu masigarira y’i Buyuda, abāgiye mu gihugu ca Egiputa kubayo, hoye kugira ūzocika cank’ ūzosigara bagasubira mu gihugu c’i Buyuda, aho bifuza kuzosubira kubayo: kukw ata wuzosubirayo atar’ abazocika.


Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.


Kukw Imana izokiza Siyoni, ikubaka ibisagara vya Yuda; Bazohaba, hababere ishamvu.


Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate.


Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu.


Nzokwironkera uruvyaro muri Yakobo, n’ūzoragwa imisozi yanje muri Yuda; abo nitoranirije bazoharagwa, n’abasavyi banje bazohaba.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Bazosubira ukundi gusha kuvugira aya majambo mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara vyaho, ni nasubira kubagarukana mbakūye mu kinyago, bat’ Uhoraho n’aguhezagire, wewe i wabo w’ubugororotsi, wewe musozi wera.


Mbere nzotuma abantu bagendagenda kuri mwebge, ni bo bantu banje b’Abisirayeli; namwe muzoba ishamvu yabo, mubabere umwandu, kandi nta ho muzosubira kubīcira abana ukundi.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


Ko mwāsahuye amafeza yanje n’amazahabu yanje, ibintu vyanje vyiza vy’igikundiro mukabijana mu nsengero zanyu z’ibigirwamana;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite