Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Obadiya 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Abantu banje ntiwari kubāzira mw irembo, umusi baboneyekw amagorwa; mbere ntiwari kwirābira utw’ ininga agahahazo barimwo, umusi baboneyekw amagorwa; kandi ntiwari gusahura ibintu vyabo, umusi baboneyekw amagorwa.

Gade chapit la Kopi




Obadiya 1:13
9 Referans Kwoze  

Kandi nshavuriye cane amahanga yidibamiye, kuko Yerusalemu nari mpashavuriye buhoro, maze bo bakahasonga.


Ko wagize ngw Ayo mahanga ukw ar’ abiri n’ivyo bihugu ukw ari bibiri bizoba ivyawe, ngo Ni mwe muzovyiganzira; nanje Uhoraho ari yo nari:


Ko wāmanye inyankane idahangūra, ukagomorera inkota Abisirayeli ku musi baboneyekw ivyago, mu gihe giherahereza ibigabitanyo vyabo;


Nshobora guharūra amagufa yanje yose; Bandāba bankanuriye amaso.


Kumbure Uhoraho azorāba ayo mbonye, ampe ivyiza mu gishingo c’iyo mivumo mvumwe uyu musi.


Kand’ ingabo zaho z’abacangero ziri hagati yaho, zimeze nk’inyana zo mu ruhongore: kuko na zo zakimiranye, zahungiye icarimwe, ntizashinga ikirenge: kuk’ umusi w’ ivyago vyabo ubashitseko, ni co gihe co kūzirwa kwabo.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umwansi ko yabashinyaguriye, ngw Awa! ngo Ya misozi miremire yamyeho kera izoba iyacu twiganziye:


nuko rero, shirak’ ubivuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ukuri ko babagize amatongo, bakabayongobeza babaturutse impande zose, mukaba inyegu ayandi mahanga yegukiye, mugatorwakw ikineguro n’akanwa k’imvuzi, mugahinduka agatwengo ku bantu;


Asangwa naranejerejwe n’uk’ ūnyanka ageshejwe, Canke nkitereshwa hejuru n’ ukw ivyago bimushitseko,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite