Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Obadiya 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Yamara ntiwar’ ukwiye kurāba utw’ ininga umusi wa mwene nyoko ugeze, ku musi yashikiweko n’ivyago; umusi Abayuda bagesezwa, ntivyari bikwiye kukunezereza; ntiwari gutwengera mw ijigo ku musi w’amazigirizwa yabo.

Gade chapit la Kopi




Obadiya 1:12
27 Referans Kwoze  

Ubu amahanga menshi akoraniye kugutera, aravuga, ati Siyoni ni hahumanywe, amaso yacu avyibonere!


Nk’uko witamvye hejuru y’ishamvu y’inzu ya Isirayeli kukw icitse amatongo, uko ni ko nzokugirira: nawe uzoba amatongo, ewe wa musozi Seyiri, na Edomu hose iyo hava hakagera. Maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Ūcokora umworo aba agaye Umuremyi wiwe, Kand’ ūnezerezwa n’ivyago vy’ uwundi ntazobura guhanwa.


Ntimukongere kuvuga ivy’ ubgibone murtyo, Ivy’ amanyama ntibigaturuke mu kanwa kanyu; Kuk’ Uhoraho ar’ Imana izi vyose, Ni yo igera ibikorwa vy’abantu nko ku munzane.


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbaganyemw’ ukwirarira, bubahira abantu kubakūramw’ amaronko.


Umwami Imana azomutwenga, Kukw abona yuk’ umusi wiwe urik’ urashika.


Iminwa ivuga ibinyoma izibge, Ivugana umugororotsi agakēngērwe, N’ubgibone n’akagaye.


Nshobora guharūra amagufa yanje yose; Bandāba bankanuriye amaso.


Asangwa naranejerejwe n’uk’ ūnyanka ageshejwe, Canke nkitereshwa hejuru n’ ukw ivyago bimushitseko,


Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri.


N’ururimi ni ko ruri: n’urugingo rutoya, rukirarira ibikomeye. Rāba ishamba, naho ryoba rinini rite, ridomekwa n’akariro gake.


Ashitse hafi, abona igisagara, arakiririra,


Ni winezererwe, uhimbarwe, ewe mukobga, Edomu we, wibereye mu gihugu c’i Uzi! Nawe igikombe kizodōbēra kiruhe kigushikeko; uzoborerwa, ute agahuzu.


Watumye abantu bawe kuntuka, jewe Umwami Imana, uravuga, ng’ Udūganye igitero cinshi c’imikogote yawe y’intambara, ushitse mu mpinga z’imisozi, no mu dushōka tw’i Lebanoni; ngo Wiciye ibiti vy’amasederi vyaho birebire, n’ivy’ akajwari vyaho vyiza‐vyiza; ngo Wahanyuragiye ushika ku mpinga yaho hirya cane, no mu biti vyo mw itongo ryaho rimera cane.


Kand’ ijisho ryanje ryiboneye abansi banje, Amatwi yanje yiyumviye ukw inkozi z’ibibi zimpagurukiye zibaye.


Imana mboneramw’ imbabazi izonsanganira, Imana izompa kwibonera abandyamiye.


Kuk’ Uhoraho yankijije amagorwa yose, Ijisho ryanje rikībonera abansi banje.


Abazoza inyuma yiwe bazotangarira umusi wiwe, Nk’ukw abāmwitangiye imbere bātewe n’ubgoba.


Ariko jeho ncumbagiye baranezerwa, bakarundana, Abantu b’imburakimazi banteranirako, sinabimenya. Baranshishimura ntibīgarura.


Abansi bawe bose barakwasamiye cane, Bavuza agahwa, bagahekenya imisaya, bati Twarahayongobeje; Bati N’ukuri uyu ni wo musi twari twiteze; none turawushitseko, turawiboneye.


Nuk’ uzomenya yuko jewe, Uhoraho, numvise ibitutsi vyawe vyose watutse imisozi y’i Bgisirayeli, uti Hahindutse amatongo, turahahawe ngo tuharye.


mbere, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ukuri mvuganye ifuhe rimeze nk’umuriro ku vy’ayandi mahanga no ku vy’Abanyedomu bose bīhaye igihugu canje kw inyegu, bari n’ umunezero wuzuye imitima, n’ akagaye kose ko mu mushaha, ngo bagitange gisahurwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite