Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Obadiya 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kuri wa musi wari wihagarariye urāba utw’ ininga, umusi ab’ akavantara bāsahura ibintu vyiwe, abanyamahanga bakamūzira mu marembo, bagapfindira i Yerusalemu, nawe wari nk’uwo muri bo.

Gade chapit la Kopi




Obadiya 1:11
13 Referans Kwoze  

Uhoraho, ibuka Abanyedomu Ivyo bagize wa musi w’i Yerusalemu; Ni bo bavuze, bati Ni muhasangangure, ni muhasangangure, Mushitse no kw itanguriro ryaho.


Ariko hāranyazwe, hajanwa ar’ inyagano; n’ibibondo vyaho vyāhondaguriwe mu mayirabiri yose: n’abanyacubahiro baho bābagabanganishije ubupfindo, n’abahambaye baho bābabohesheje iminyororo.


Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.


Iy’ ubonye umusuma, wemeranya na we, Kandi wifatanya n’abasambanyi.


Maz’ amasigarira y’abantu bāri bagisigaye mur’ ico gisagara, n’abāri baragiye kwisaba umwami w’i Babuloni, n’amasigarira y’abafundi, Nebuzaradani uwo mukuru w’abashibamyi abajana ar’ inyagano.


Kuko ba bandi bahūje umutima wo kuja inama, Ni wewe bashiriyeh’ amasezerano:


Ni bo bo mu mahema ya Edomu n’Abishimayeli; Kandi n’Abanyamowabu n’ Abahagiri;


Ko wagize ngw Ayo mahanga ukw ar’ abiri n’ivyo bihugu ukw ari bibiri bizoba ivyawe, ngo Ni mwe muzovyiganzira; nanje Uhoraho ari yo nari:


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.


Ivyo ni vyo bazosubirizwa mu nkōko kubg’ ubgibone bgabo, kuko bātuka abantu b’Uhoraho Nyen’ ingabo, bakabihayagizako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite