Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Obadiya 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kubg’ inabi wagiriye mwene nyoko Yakobo uzomāramāra, uzorandurwa uheneberezwe.

Gade chapit la Kopi




Obadiya 1:10
30 Referans Kwoze  

Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.


Nzoguhindura amatongo ibihe bidashira, kand’ ibisagara vyawe ntibizosubira kugira ababibamwo: maze muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Wagabanije imisi y’ubusore bgiwe, Wamwambitse isoni. Sela.


Esau agirira Yakobo urwanko, kubg’ umuhezagiro se yamuhezagiye: maze Esau arivuganya mu mutima, ati Data ashigaje igihe gito tukaja ku kigandaro: ni ho nzokwica murumunanje Yakobo.


Uhoraho, ibuka Abanyedomu Ivyo bagize wa musi w’i Yerusalemu; Ni bo bavuze, bati Ni muhasangangure, ni muhasangangure, Mushitse no kw itanguriro ryaho.


Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.


Egiputa hazocika amatongo, na Edomu hazohinduka ubugaragwa bg’uruharabuga, bazize inabi bagiriye Abayuda, kuko mu bihugu vyabo bahavishirije amaraso y’abatācumuye.


Kandi bazokenyera amagunira, ubgoba bubatwikire, kandi mu maso ha bose hazogira ibitētērwa, no ku mitwe ya bose hazoba inkomvorera.


Ni winezererwe, uhimbarwe, ewe mukobga, Edomu we, wibereye mu gihugu c’i Uzi! Nawe igikombe kizodōbēra kiruhe kigushikeko; uzoborerwa, ute agahuzu.


Turatēterewe, kuko twumvise ibitutsi; mu maso hacu haje ibimāramāre: kukw abanyamahanga binjiye mu myanya yera yo mu ngoro y’Uhoraho.


Kuko nirahiye ubganje, ni jewe Uhoraho mbivuze, yukw i Bosira hazohinduka akajoreza n’igitutsi n’ ibitongozi n’ikivume; kand’ ibisagara vyaho vyose bizoba ibitongozi gushitsa ibihe bidashira.


Ni turambarare hasi mu gatētereza kacu, twipfuke ubumāramāre bgacu; kuko twacumuye k’Uhoraho Imana yacu, twe na ba sogokuruza, kuva mu buto bgacu gushitsa no kur’ uyu musi, ntitwumvire Uhoraho Imana yacu.


Abansi biwe nzobakorera ibara; Ariko we, igitsibo ciwe kizomukayanganako.


Abansi banje ni bambikwe agatēterezo, Bambare isoni zabo nk’umutamana.


Kuko nihanganira ibitutsi bakumpōra; Isoni zitwikiriye mu maso hanje.


Yakobo yishura Rebeka nyina wiwe, at’ Ehe rāba, Esau mukurwanje n’umuntu yakatse ivyoya, nanje umubiri wanje n’inkūte.


Ntimuze mugirire akazīka Abanyedomu, kuko mur’ akara kamwe, kandi ntimugirire akazīka Abanyegiputa, kuko mwar’ inyambukīra mu gihugu cabo.


kukw Abanyedomu bāri bongeye gutera i Buyuda, bakahanesha, bakajana abaho ar’ inyagano.


Imigisha iba ku mutwe w’ umugororotsi, Arik’ umuryano wubikiza ku munwa w’umunyavyaha.


Abuzukuru babo bazovuka hanyuma bazoshobora kuja mw ikoraniro ry’Uhoraho.


Ūcokora umworo aba agaye Umuremyi wiwe, Kand’ ūnezerezwa n’ivyago vy’ uwundi ntazobura guhanwa.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vy’ababanyi banje bose babi, bīhaye ku manyama ishamvu neguriye abantu banje b’Abisirayeli, nt’ Ehe nzobashika mbakūre mu gihugu cabo, kand’ inzu ya Yuda nzoyibashikura.


Igihano c’ukugabitanya kwawe kirarangiye, weho mukobga, Siyoni we; Ntazokwongera kukujana kure ur’ inyagano: Ariko wewe mukobga, Edomu we, azoguhanira ibigabitanyo vyawe; Azogaragaza ivyaha vyawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite