Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Obadiya 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ivyo Obadiya yeretswe. Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’Abanyedomu. Twumvise inkuru zivuye k’Uhoraho, kandi har’ intumwa itumwe ku mahanga, ngo Ni muhaguruke, natwe nyene dukūre hasi, tubatere, tuje mu ntambara.

Gade chapit la Kopi




Obadiya 1:1
28 Referans Kwoze  

Egiputa hazocika amatongo, na Edomu hazohinduka ubugaragwa bg’uruharabuga, bazize inabi bagiriye Abayuda, kuko mu bihugu vyabo bahavishirije amaraso y’abatācumuye.


Kukw abaganwa biwe bar’ i Sowani, n’intumwa ziwe zishitse i Hanesi.


Imbūri yo kuri Duma. Harih’ ūmpamagara ar’ i Seyiri, ati Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe? Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe?


Uhoraho, ibuka Abanyedomu Ivyo bagize wa musi w’i Yerusalemu; Ni bo bavuze, bati Ni muhasangangure, ni muhasangangure, Mushitse no kw itanguriro ryaho.


Kandi ni mwumva intambara n’impuha z’intambara, ntimuze muhagarike imitima: ntibizobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza.


Muzokwumva intambara n’impuha z’intambara: mwirinde, ntimugahagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza.


Ūgenda arabacīra inzira yadūze imbere yabo: baramennye, baca mw irembo, barifyuka inyuma: umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra.


Imitima yanyu ntidendebukirwe, ntimuterwe ubgoba n’impuha zumvikana mu gihugu; kukw impuha zizoza mu mwaka umwe, maze mu wundi mwaka hakaza izindi, umuryano ukaba mu gihugu, abaganza bakarwanya abandi.


n’i Edomu n’i Mowabu n’ab’ umuryango wa Amoni,


Nuko nābīra igikombe mu kuboko kw’ Uhoraho, ndakiramiza amahanga yose Uhoraho yantumyeko;


Wa mushibamyi aramwishura, ati Bugira buce, kandi bgongere bgire: ni mwagomba kubaza, mubaze; muhindukire muze.


Esau abarira Yakobo, ati Mpa se utwo ntamira kur’ ivyo bitukura, ku bitukura utetse, kuko numva ncitse intege. Ni co catumye yitwa Edomu.


Nuko Esau aja kuba ku musozi Seyiri: Esau ni we Edomu.


Uru ni rwo ruvyaro rwa Esau sekuruza w’Abanyedomu bo ku musozi Seyiri.


Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite