Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 9:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Wabonye ivyago vya ba sogokuruza bacu bari muri Egiputa, wumva ugutakamba kwabo bari ku Kiyaga Gitukura,

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 9:9
8 Referans Kwoze  

N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise umuniho wabo, none mmanukanywe no kubarokora: kandi none n’uze ndagutume muri Egiputa.


Genda, uz’ ukoranye abashingantahe b’Abisirayeli, ubabgire, ut’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yaranyiyeretse, ari yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, irambarira, iti N’ukuri nabagendeye, mbona ivyo babagirira muri Egiputa:


Imana yitegereza Abisirayeli, ibona uko bameze.


Nukw Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera, bo n’umusavyi wiwe Mose.


ni kur’ uwo musi nyene namanitse ukuboko mbarahira ko nzobakūra mu gihugu ca Egiputa nkabajana mu gihugu nabatoreye, igihugu gitemba amata n’ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose.


Kand’ ihanga rizobagira abaja ni jewe nzoricirakw iteka, Imana ni ko yagize, it’ Arikw amaherezo bazovayo, bansengere aha hantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite