Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 9:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 wabonye umutima wiwe kw ar’ uwo kwizigirwa imbere yawe, usezerana na we isezerano ryo kuzoha uruvyaro rwiwe igihugu c’Abanyakanani n’ic’ Abaheti n’ic’ Abamori n’ic’ Abaferizi n’ic’ Abayebusi n’ic’ Abagirugashi; kand’ iryo sezerano wararishikije kuko wama ugororoka.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 9:8
39 Referans Kwoze  

kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.


Yizera Uhoraho, Uhoraho abimuharūrako nk’ ukugororoka.


Rāba ubu ngiye kugenda nk’ ukw abandi bose bagenda; namwe mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu murazi neza mwese yukw ata kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse.


Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubarira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu. Aca ahubaka igicaniro, yubakiye Uhoraho amwiyeretse.


Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka kw ikimazi, hamwe yagezwa: mber’ uwari yarākīranye igishika amasezerano, yarikw aratanga kw ikimazi umwana wiwe w’ikinege,


nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.


Imukūye, ibahagurukiriza Dawidi kuba umwami wabo, imushingira intahe, iti Mbonye Dawidi mwene Isayi umuntu ameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose.


Uko ni ko Yosuwa yanesheje ico gihugu cose, nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose. Maze Yosuwa akigabanganya Abisirayeli ngo kibe ishamvu yabo, nk’ukw imiryango yabo iri. Nukw igihugu gihabga impore.


atuma no ku Banyakanani b’i burasirazuba n’ab’i burengerazuba, no ku Bamori no ku Baheti no ku Baferizi no ku Bayebusi bo mu mugamba, no ku Bahiwi bo musi ya Herumoni mu gihugu c’i Misipa.


Maz’ abami bose bo hakuno ya Yorodani, bo mu mugamba waho, n’abo mu misozi iciye bugufi, n’abo ku kiyaga kinini, aharābana n’i Lebanoni, Abaheti n’ Abamori n’Abanyakanani n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi bavyumvise,


Az’ ashikīre umuherezi azoba ariho mur’ ico gihe, amubarire, at’ Uyu musi Uhoraho Imana yawe ndamwaturiye yuko nashitse mu gihugu yarahiye ba sogokuruza bacu kw azokiduha.


Ukugororoka kwanyu canke gutungana kw imitima yanyu si vyo bizoba bitumye mwinjira igihugu cabo ngo mucegukire; arik’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana imbere yanyu, kugira ngw ashitse ijambo yarahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo.


Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubashikana mu gihugu mugiye kwegukira, agasohora amahanga menshi ngw ababise, Abaheti n’Abagirugashi n’Abamori n’Abanyakanani n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi, amahanga ndwi abarusha ubginshi n’inkomezi;


Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?


ndavuga, nti Nzobakūra mu marushwa barimwo muri Egiputa, mbadūgane mu gihugu c’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’ Abayebusi, igihugu gitemba amata n’ubūki.


kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.


Aramubarira, ati Ntukoze ukuboko kur’ uwo muhungu, ntugire ico umugira: kuko noneho mmenye ko wubaha Imana, kuk’ utanyimye umwana wawe, kand’ ar’ ikinege.


Uhoraho n’umunyabuntu, kandi n’umugororotsi: Ek’ Imana yacu n’inyembabazi.


Kand’ igihugu c’i Negebu kibamw’ Abamaleki, n’umugamba waho ubamw’ Abaheti n’Abayebusi n’Abamori; kand’ ahaherereye ku kiyaga haba Abanyakanani, bo n’ahaherereye kuri Yorodani.


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikīngīra abamuhungirako bose.


kandi Kanani ni we yakomōtsweko n’Abayebusi n’Abamori n’Abagirugashi,


Ni ryo sezerano yasezeranye na Aburahamu, Indahiro yarahiye Isaka,


Uhoraho Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’ amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’ imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe.


Ariko mur’ ivyo vyose vyatubayeko, weho wama uboneka ugororotse, wama ukora ibiroranye, yamara twebge twakoze ibibi.


riti Mwana w’umuntu, abasigaye baba mu matongo yo mu gihugu c’i Bgisirayeli baravuga, ngo Aburahamu yar’ umwe, ariko yahawe igihugu kw ishamvu; nkanswe tweho turi benshi, natwe turagihabga kuba ishamvu yacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite