Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maze Yosuwa na Bani na Kadimiyeli na Shebaniya na Buni na Sherebiya na Bani wundi na Kenani bahagarara ahataramutse hubakiwe Abalewi, bashira ijwi hejuru batakambira Uhoraho Imana yabo.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 9:4
13 Referans Kwoze  

Yosuwa na Bani na Sherebiya, na Yamini na Akubu, na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya, na Kelita na Azariya na Yozabadi, na Hanani na Pelaya n’ Abalewi, abo ni bo basobanurira abantu ivy’ ivyagezwe, abantu bakaguma aho bari;


Kand’ Abalewi ni Yosuwa na Binuwi na Kadimiyeli na Sherebiya na Yuda na Mataniya; Mataniya uwo, bo na bagenzi biwe, ni bo baterera abandi indirimbo z’ ishimwe;


Nukw abo Balewi, Yosuwa na Kadimiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya baca baravuga, bati Ni muve hasi muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko vyamye uhereye kera hose ugashitsa ibihe bitazoshira. Baraheza bahimbaza izina ryiwe ry’icubahiro, ari ryo rishizwe hejuru gusumba ah’ ugushima kwose n’uguhimbaza kwose bigarukira.


Maz’ Abalewi bo mu ba Kohati n’abo mu ba Kora bava hasi ngo batāzīre Uhoraho Imana y’ Abisirayeli, bavuga n’ijwi rirenga cane.


Araheza arapfukama, asemerera n’ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharūrekw iki caha. Amaze kuvuga artyo, aca aracīkāna. Kandi Sauli na we yarabishimye ko yicwa.


Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka.


Mber’ iyo ndamutakambiye ndamutabaza, ugusenga kwanje akwugaranira hanze.


Uhoraho, ndagutakambiye nd’ i bgina:


Ndatakambira Imana n’ijwi ryanje, Ndatakambira Imana n’ijwi ryanje, na yo irantega ugutwi.


Ijwi ryanje ritakambira Uhoraho, Na we akanyishura ari ku murwa wiwe wera. Sela.


Akurikirwa n’Abalewi, Rehumu mwene Bani, na we akurikirwa na Hashabiya, umukuru aganza igice c’ intāra y’i Keyila, asana akorera intāra yiwe.


Ezira, uwo munyabgenge w’ivyanditswe, yar’ ahagaze ku mutara w’ibiti, bubakiye ico gikorwa nyene, yar’ ahagararanye na Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilukiya na Mayaseya; abo ni bo bār’ i buryo bgiwe; i bumoso bgiwe hāri Pedaya na Mishayeli na Malikiya na Hashumu na Hashibadana na Zekariya na Meshulamu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite