Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ab’ uruvyaro rwa Isirayeli bītandukanya n’abanyamahanga bose, barahagarara bātura ivyaha vyabo n’ibicumuro vya ba sekuruza.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 9:2
24 Referans Kwoze  

Nukw Abisirayeli bamaze kwumva ivyo vyagezwe, baca bītandukanya n’ ikivange c’abanyamahanga bose bāri muri bo.


None ni mwaturire Uhoraho Imana ya ba sogokuruza ivyo, mukore ivy’ igomba, mwitandukanye n’amahanga yo mu bihugu n’abagore b’abanyamahangakazi.


Uko ni ko nabahumanuye, nkabakūramw’ ikintu cose c’ikinyamahanga, ngashingira abaherezi n’Abalewi imbu zabo, umuntu wese ku gikorwa ciwe;


Nuko nkivuga, nsenga nātura icaha canje n’ic’ ubgoko bgacu bg’Abisirayeli, kandi ngitakambira Uhoraho Imana yanje umusozi wayo wera;


Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.


Ndokora, unkūre mu maboko y’abanyamahanga, Akanwa kabo kavuga ivyo kubesha, N’ukuboko kwabo kw’i buryo n’ukunyabinyoma.


kuk’ ubgabo bābiriye abageni bo muri bo, bakabashingira n’abahungu babo, bigatuma uruvyaro rwera rusukirana n’urw’ abantu bo mur’ ibi bihugu; mber’ abakuru n’abashingantahe ni bo babaye aba mbere mur’ ico gicumuro.


Kukw abantu bawe, ari bo nzu ya Yakobo, wabahebeshejwe n’uko buzuyemw’ imigenzo ivuye i burasirazuba, bakaragura nk’Abafilisitiya, kandi bakifatanya n’abana b’abanyamahanga.


Rāmvura ukuboko kwawe uri hejuru, Undohōre, undokore mu mazi menshi, Unkize ukuboko kw’abanyamahanga.


None tega ugutwi kwawe wumvirize, tereza n’inyonga zawe witegereze, kugira ngo wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe nsengera imbere yawe mur’ iyi misi ku murango no mw ijoro, nkwingingira abasavyi bawe b’ Abisirayeli, nātura ivyaha twebge Abisirayeli twagucumuyeko; mbere twe n’inzu ya data twaracumuye.


Uhoraho Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’ amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’ imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe.


maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu c’ababafashe mpiri, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;


Nukw Abisirayeli bari bagarutse bavuye mu kinyago barya ivya Pasika, bo n’abantu bose bari bitandukanije n’ivy’ ubuhumane bgo mu bapagani bo mur’ ico gihugu, bagafatanya n’Abisirayeli gusenga Uhoraho Imana y’ Abisirayeli,


Nukw ivyo vyose birangiye, abakuru baraza barambarira, bat’ Abisirayeli n’abaherezi n’ Abalewi ntibitandukanije n’abantu bo mur’ ibi bihugu, ariko bakora ivy’ ubuyobe, ivy’ Abanyakanani n’ivy’ Abaheti n’ivy’ Abaferizi n’ivy’ Abayebusi n’ivy’ Abamoni n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abanyegiputa n’ivy’ Abamori;


Kandi n’abandi bantu bose, abaherezi n’Abalewi n’abashibamyi n’abaririmvyi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abandi bose bamaze kwitandukanya n’amahanga yo mu bihugu, kugira ngo bitondere ivyagezwe vy’Imana, hamwe n’abagore babo n’abahungu babo n’abakobga babo, umuntu wese aciye ubgenge ashobora kubitahura;


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


Pfa kwemera gusa ukugabitanya kwawe, ko wancumuyeko, jewe Uhoraho Imana yawe, ugakwiragira irya n’ino ku mana z’inyamahanga musi y’igiti cose gitōtahaye, ntiwumvire ijwi ryanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ewe Uhoraho, twemeye ibibi vyacu, n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza, kuko twagucumuyeko.


abo bose bafatanya na bagenzi babo b’ abakuru, bararahira barīsiba ko bazohora bagendera mu vyagezwe vy’Imana vyatanzwe na Mose umusavyi wayo, kandi ko bazokwitondera amabgirizwa yose y’Uhoraho Umwami wacu, bakayashitsa, bo n’ivyo yihanikirije n’ivyo yashinze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite