Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 9:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ariko ba sogokuruza bacu babaye intahetwa, bagamika amazosi, ntibumvira amabgirizwa yawe;

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 9:16
33 Referans Kwoze  

Wama ubahanura kugira ngo basubire gukurikira ivyagezwe vyawe, ariko bo bakagira ubgibone, ntibumvire ivyagezwe vyawe, bagacumura ku mabgirizwa yawe, kand’ ari yo abeshah’ umuntu iy’ ayitondeye; bagakūtsa ibitugu, bakagamika amazosi, bakanka kwumva.


bikivugwa, ng’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo, Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa.


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


werekanye ibimenyetso n’ibitangaza kuri Farawo no ku basavyi biwe no ku bantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko war’ uzi ko bāgenda babīhayagizako. Uko ni ko wironkeye izina rya rurangiranwa, ari ryo ugifise na bugingo n’ubu.


Kuko nzi ubugarariji bganyu, n’ukuntu mutagonda izosi; ko mukunda kugarariza Uhoraho nkiriho, nkiri kumwe namwe mur’ iki gihe, ntimuzorushiriza ni namara gupfa?


Ariko muhanūrane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha.


Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana kur’ iki gisagara, no ku bindi bisagara vyose vyo hafi yaco, ivyago vyose nakigeneye, kuko bāgamitse amazosi yabo, bakanka kwumva amajambo yanje.


Yemwe runganwe rw’iki gihe, ni murābe ijambo ryanje, jewe Uhoraho. Mbeg’ Abisirayeli nababereye ubugaragwa? Canke se nababereye igihugu c’umwiza w’umuzitanya? N’iki gituma abantu banje bavuga, bati Turidohoye: ntitukigomba kukugarukako?


Ariko baragarariza, bababaza Mpwemu wiwe yera; bituma ahinduka umwansi wabo, ubgiwe arwana na bo.


Iy’ uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’ uruzi, kand’ ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ ikiyaga;


Nari nzi k’udakūrwa kw ijambo, kandi kw izosi ryawe ari nk’umutsi umeze nk’icuma, n’uruhanga rwawe ari nk’umuringa:


Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.


Twaracumuye, nka ba sogokuruza, Twaragabitanije, twakoze ivyaha.


Bantu banje, ni mwumve, ndabihanikirize, Yemwe bantu ba Isirayeli, icompa mukantega amatwi!


Na we agarariza umwami Nebukadineza, kandi yari yaramurahije Imana; nukw agamika izosi, yikomantaza umutima, ntiyahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli.


Ngo None rero mweho ntimugamike amazosi nka ba sogokuruza banyu, ariko muyoboke Uhoraho, muze muze mu rusengero rwiwe yejeje gushitsa ibihe vyose, mube abasavyi b’Uhoraho Imana yanyu, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi bubaveko.


Ariko banka kwumva; bashinga amazosi, nk’uko ba sekuruza batizera Uhoraho Imana yabo bāyashinga.


Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, atēra akagere: Yaravyibushe, arasenyuka, acika igisēme; Maz’ aca areka Imana yamuremye, Akēngēra ca Gitandara c’ agakiza kiwe.


Ni wibuke abasavyi bawe, Aburahamu na Isaka na Yakobo; nturābe ukutagondwa kw’aba bantu, cank’ ukugabitanya kwabo, cank’ icaha cabo;


Uhoraho arongera arambarira, at’ Abo bantu ndababonye ico barimwo: n’ abantu batagonda izosi;


Nuko rero mumenye yuk’ ukugororoka kwanyu atari kwo kuzotuma Uhoraho Imana yanyu abaha ico gihugu ciza ngo mucegukire; kuko mur’ abantu batagonda izosi.


At’ Icompa bagahorana ben’ uwo mutima, ubatera kunyubaha no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!


Uhoraho arongera abarira Mose, at’ Abo bantu ndababonye ico barimwo: n’abantu batagonda izosi;


Arababarira, ati Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’ izo yateje Abanyegiputa; ngo Kukw ari we Uhoraho, abakiza indwara.


ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.


Ariko hāgararije amabgirizwa yanje, hakora ibibi kurusha abanyamahanga; hāgararije ivyagezwe vyanje kurusha ibihugu bihakikije; bāshibuye amabgirizwa yanje, n’ ivyagezwe vyanje ntibābigenderamwo.


Kuko ba sogokuruza bacu bācumuye, bagakora ivyo Uhoraho Imana yacu abona kw ari bibi, bakamuta, bakarora irya, bagakūra amaso ahantu Uhoraho aba, bakahatera ibitugu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite