13 Uramanuka uhagarara ku musozi Sinayi, uvugana na bo uri mw ijuru, ubaha amateka agororotse n’ivyagezwe vy’ukuri, n’ivyashinzwe bo n’amabgirizwa vy’agahore.
Ijambo ryawe ryose ripoperanirijwe mu kuri; Imanza zawe zigororotse iyo ziva zikagera zamah’ ibihe bidashira.
Imana ivuga aya majambo yose,
umusi ugira gatatu uz’ ushike bīteguye: kuko jewe Uhoraho ku musi ugira gatatu nzomanuka nze kur’ uyu musozi Sinayi imbere y’abantu bose.
Ariko ko nkora ico ntagomba, mba nemeye ivyagezwe kw ari vyiza.
Imana yaje ivuye i Temani, Uwera yaje ku musozi Parani. Sela. Ubgiza bgiwe bgakwiye ijuru, Kand’ isi yuzuye ishimwe ryiwe.
Aho wakora ibiteye ubgoba tutīteze, waramanutse, imisozi ihindira agashitsi imbere yawe.
Icompa ugasatura ijuru ukamanuka, imisozi igahindira agashitsi imbere yawe,
Ur’ umugororotsi, Uhoraho we, Imanza zawe ziragororotse.
at’ Uhoraho yaturutse kuri Sinayi, Yabarasiye aserutse kuri Seyiri, Yakayanganye aserutse ku musozi Parani, Avuye hagati mu masinzi y’ abera; I buryo bgiwe har’ umuriro waka.
Uhoraho yavugiye mu muriro, yivuganira namwe imbonankubone kuri wa musozi.
Mbega har’ aho abantu bīgeze kwumva ijwi ry’Imana iri hagati mu muriro, nk’uko mwebge mwaryumvise, bagaheza bakabaho?
Canke har’ ihanga rihambaye rifise amabgirizwa n’amatēka ashinzwe aroranye, nk’ukw ibi vyagezwe vyose biri, nshize imbere yanyu uyu musi?
Uhoraho abarira Mose, at’ Uku abe ari k’ubarira Abisirayeli, ut’ Ubganyu murīboneye kw avuganye namwe ari mw ijuru.
Arababarira, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, at’ Ejo uzoba umusi wo kuruhūka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho; ni bagende barondere ivyo bagomba, bateke ivyo bagomba; ibisāgutse babibīke, babirāze.
Yabumvishije ijwi ryiwe ari mw ijuru, kugira ngw abigishe, kandi yaberekeye kw isi umuriro wiwe uhambaye: mwumva amajambo yiwe ava hagati mur’ uwo muriro.
Washinze amateka yawe Kugira ngo tuyitonderane umwete.
kand’ amateka n’imigenzo n’ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo nabandikiye, mube ari vyo mwitondera, mubikore gushitsa ibihe vyose; kandi ntimuze mugire izindi mana musaba.
uwo Ezira aradūga ava i Babuloni; kandi yar’ umunyabgenge w’ivyanditswe kandi w’umuhanga mu vy’ivyagezwe vya Mose vyatanzwe n’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli. Umwami amuha ivyo yamusavye vyose, abiheshwa n’ikiganza c’ Uhoraho Imana yiwe cari kuri we.