Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze ku musi ugira mirongwibiri na kane wo mur’ ukwo kwezi, Abisirayeli barakorana, barisonzesha bambaye amagunira, bīrengeje imikungugu ku mitwe.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 9:1
22 Referans Kwoze  

Nuko Ezira umuherezi azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi.


Nuko turisonzesha, dusaba Imana tuyinginga, iraheza yemera kutwumvira.


Yosuwa na we yitantamurirakw impuzu ziwe, yitembagaza imbere y’isandugu y’Uhoraho ashitsa ku mugoroba, bo n’abakuru b’Abisirayeli, bīsūrirakw imikungugu ku mitwe.


Maz’ umuntu wo mu ba Benyamini ava mu rugamba, agenda yiruka, ashika i Shilo uwo musi, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


Bunamuye amaso bakiri kure ntibaruha bamumenya, baca baraturika bararira; umuntu wese muri bo yitantamurirak’ umutamana wiwe, basūrira umukungugu hejuru y’ imitwe yabo.


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


Kandi mu gihugu cose, ah’ icagezwe c’umwami n’iteka ryiwe bishitse, hāba amaborogo menshi mu Bayuda, no kwisonzesha, n’ amarira, n’ugutaka; kandi benshi bācura imirambararo bari mu magunira no mu minyota.


Yehoshafati agira ubgoba, aca agira umwete wo kurondera Uhoraho, ashinga umusi wo kwisonzesha mu Buyuda hose.


Maze ku musi ugira mirongwibiri na gatatu wo mu kwezi kw’indwi asēzera abantu, abarungika i wabo; nuko bataha banezerewe, bahimbawe mu mitima yabo kubg’ ivyiza Uhoraho yagiriye Dawidi na Salomo n’abantu biwe b’Abisirayeli.


ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.


Maz’ ingabo zose z’Abisirayeli n’abantu bose baradūga, baja i Beteli, bicara ngaho imbere y’ Uhoraho barira, bīrirwa bīsonzesheje kugeza ku mugorōba, batangira ngah’ imbere y’Uhoraho ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi vy’ ishimwe.


Nuko muhereye kur’ uwo musi ugira icumi na gatanu w’ ukwo kwezi kw’indwi, mumaze kwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu, muze mugire imisi mikuru ndwi yo kunyubaha: ku musi w’intangamarāra wayo hazoba kuruhuka kwo kwitonderwa, no ku musi ugira umunani haze habe kuruhuka kwo kwitonderwa nyene.


ati Barira Abisirayeli, uti Ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi nyene, ni ho hazoba umusi mukuru wo kunyubaha w’insago: iz’ ibe imisi mikuru gushitsa indwi.


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


Nuko bakoranira i Misipa, bavoma amazi, bayavyagiza imbere y’Uhoraho; uwo musi barisonzesha, baravuga, bati Twaracumuye k’Uhoraho. Maze Samweli acīrira Abisirayeli imanza aho nyene i Misipa.


Maze ntāngāriza aho nyene kur’ urwo ruzi Ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebge n’abana bacu n’ ibintu vyacu vyose.


Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite